Ukugaruka kwa Yesu Kristo - Iyo myaka igihumbi ishize Satani azorekurwa - Après les 1000 ans satan sera relâché



 Igice ca gatandatu - Sixième partie

Kand' iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero

Twibutsanye:

„Mbona umumarayika amanuka avuye mw'ijuruafise urupfunguruzo rw'i kuzimu, afise n'ikinyororo mu minwe.  Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo mugarariji irindi ni Sataniakiboha ngo kimare imyaka igihumbi,  agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirako ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa aho iyo myaka igihumbi izoshirira; ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.“ Ivyahishuriwe Yohana 20,1-3 

Urutonde rw'ibizoba reteye gute?

  1. Uno munsi turi mu buzima busanzwe turindiriye ibizoba nka ba bantu bo ku gihe ca Nowa.

  2. Mu gihe kiza, kumbure kitarambiranye, Yesu Kristo azoza gutora ishengero (1 Tesalonika 4,13-17)

  3. Inyuma y'aho, Uwiyita Imana azohagarara mu rusengero rw'Imana yiyerekane avuga ngo n'Imana (2Tesalonika 2,4). Uyu mutegetsi niba atariwe ubwiwe niwe azofasha mu gushiraho ya Leta imwe y'isi yose bita „Gouvernement mondial“.

    Iyo ntwaro ntizoragama hazoca haduka ya ntambra yavurwa ya Armagedoni. Iyo ntambara irangiye niho tuzoca twincira mu gice c'Ivyahishriwe Yohana ca 20. N'ukuvuga ko Satani ariwe ca kiyoka azofatwa abohwe atabwe ikuzimu igihe c'imyaka igihumbi. Iyo myaka irangiye azorekurwa akanya gato. N'aho azokwongera atez'uruhagarara ruzotuma haba intambara ya Gogi na Magogi. Iyo izotumwa atsindwa burundu.

Kand' iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero, azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z'isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk'umusenyi wo ku kiyaga. 

Baraduga bakwira isi yose, bakikiza ah' ingabo z'abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata. 

Kand' Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n'amazuku, kirimwo na ca gikoko na wa muvugishwa w'ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.

Ivyahish. Yohana 20:7-10

Mbona intebe niniya yera, mbona n'Iyivyagiyeko, isi n'ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka. 

Mbona abapfuye, abahambaye n'aboroshe, bahagaze imbere y'iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand' ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c'ubugingo.

Abapfuye bacirwa imanza z'ivyanditswe mur' ivyo bitabo, zikwiranye n'ivyo bakoze.

Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n'i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n'ivy' umuntu wese yakozeRupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.  Kand' umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c'ubugingo atererwa mur' ico kiyaga caka umuriro.“

Ivyahishuriwe Yohana 20:11-15


Après les 1000 ans Satan sera relâché

Rappel:

    "Puis je vis descendre du ciel un ange, qui avait la clef de l'abîme et une grande chaîne dans sa main.  Il saisit le dragon, le serpent ancien, qui est le diable et Satan, et il le lia pour mille ans. Il le jeta dans l'abîme, ferma et scella l'entrée au-dessus de lui, afin qu'il ne séduisît plus les nations, jusqu'à ce que les mille ans fussent accomplis." Apocalypse 20,1-3

  • Parlons de la chronologie des événements

  • Nous sommes dans une période assez semblable à l'époque de Noé, les gens de même que Noé attendaient ce qui allait se passer.

  • Dans un futur proche, très proche peut-être, Jésus-Christ viendra prendre son Église (1 Thessalon. 4,13-17)

  • C'est alors que „l'adversaire qui s'eleve au-dessus de tout ce qu'on appelle Dieu se proclamera lui-même Dieu. C'est lui et ou qui mettra en place ce qu'on appelera le „ Gouvernement mondial“

    Ce régime ne durera pas longtemps. Une guerre éclatera et mettra et mettra fin ce sera la guerre d'Armagedon. C'est après cela qu'adviendra ce qui est décrit dans le livre de l'Apocalypse 20. Satani sera lié et jeté dans l'abîme où sera fait prisonnier pendant 1000 ans. Au terme des mille ans, il sera relâché. Il causera encore des dégâts qui aboutiront à une terrible guerre dite de GOG et Magog.

Quand les mille ans seront accomplis, Satan sera relâché de sa prison.

 Et il sortira pour séduire les nations qui sont aux quatre coins de la terre, Gog et Magog, afin de les rassembler pour la guerre; leur nombre est comme le sable de la mer.

  Et ils montèrent sur la surface de la terre, et ils investirent le camp des saints et la ville bien-aimée. Mais un feu descendit du ciel, et les dévora.

Et le diable, qui les séduisait, fut jeté dans l'étang de feu et de soufre, où sont la bête et le faux prophète. Et ils seront tourmentés jour et nuit, aux siècles des siècles.„ Apocalypse20, 7-10

( ils sont au nombre de 3: Le Diable (1), la Bête (2) et le prophète (3))

"Puis je vis un grand trône blanc, et celui qui était assis dessus. La terre et le ciel

s'enfuirent devant sa face, et il ne fut plus trouvé de place pour eux.

Et je vis les morts, les grands et les petits, qui se tenaient devant le trône. Des livres furent ouverts. Et un autre livre fut ouvert, celui qui est le livre de vie. Et les morts furent jugés selon leurs oeuvres, d'après ce qui était écrit dans ces livres.

La mer rendit les morts qui étaient en elle, la mort et le séjour des morts rendirent les morts qui étaient en eux; et chacun fut jugé selon ses oeuvres.

Et la mort et le séjour des morts furent jetés dans l'étang de feu. C'est la seconde mort, l'étang de feu.  Quiconque ne fut pas trouvé écrit dans le livre de vie fut jeté dans l'étang de feu." Apocalypse 20,11-15

Aucun commentaire: