Inkomoko y'ubuzima
“ kukw'ari
wewe waremye amafyigo, wanteranirije mu nda ya mama…urukanka
rw'umubiri wanje ntiwaruhishwa …! Erega Mana , ivyiyumviro vyawe
n'vy'agaciro kuri jewe!Erega igitigiri cavyo ni kinini.”
Zaburi 139:13-17
Dukunda
kuvuga ngo abana bacu nkuko boba ari nyishu z'ubugombe bwacu bwite!
Tuba twibeshe cane. Imana yaraduteye iteka ritagira urugero
mukuducako kugira ngo Ibahe ubugingo. N'ivyo tuzi neza yuko Imana
yari gushobora kubarema Itarinze kuducako ! « N'ukw'Imana
irema umuntu mw'ishusho yayo...., irema abantu b'uburyo bubiri! »
Itanguriro 1 :27
« Mbega
ntiwansutse nk'amata, ukamvuza
nk'urubu ?
Wanyambitse urukoba n'inyama,
undandikanisha amagufa n'imitsi wampaye ubugingo ungirira imbabazi;
kungendera kwawe nikwo kwanzigamiye umutima. »
Yobu: 10 : 11-12
Imana
yaraduhaye uburenganzira bwo guhitamwo kuyigamburukira canke
kuyigabira. Hariho abanu banka, ibigirankana, gushira hamwe n'Imana
bagashima kwiberaho uko bo bavyumva. Babaho bakurikije uko ubuzima
buje bagatega umutwe umutwe nk'umumobwa muri vyose.
"Mu ntango, Imana yaremye umuntu imuha ububasha bwogufata ingingo. Ubishatse uzobaho yashize imbere yawe amazi n'umuriro, n'ahawe woguhitamwo. » Siracide 15 :14-16 (NB : Igisomwa gisa n'ikiri mu Gusubiramwo ivyagezwe 30:19.
Ivyiyumviro
vy'Imana ntibisesangurwa
Hari benshi bipfuza kuronka uruvyaro ariko bikanka. Ivyo ntibishikira abantu kubera yuko boba batagira ukwizera canke bagambararira Imana. Kuvy'ukuri Imana niyo yonyene ifise ububasha bwo gutanga ibibondo. Ni vyo hariho abantu baronse ur'uvyaro habanje gukoreshwa ubuhinga bw'abavuzi. Ubuhinga bwose n'ubumenyi biva n'Imana.
Ntitwaremewe guhona
ariko twaremewe kubaho ibihe bidashira.
« yamara rero nama nawe na ntaryo , umfashe ukuboko kw'ii buyo. Uzondongoza inama ungiriye, kandi hanyuma uz'unyakirane icubahiro. » Zaburi 73 :23-24
- Agateka ko kuvuka
Gukorora
inda muri Afirika
Ku
nda imiliyoni mirongitanu (50 millions) zikororwa kira mwaka kw'isi
icumi kw'ijana n'izo
muri
Afirika. Uravye abantu baba muri kw'isi n'ukuvuga 6 620 197 025
mur'abo abangana 914 426 339 nibo baba muri Afirika mu kwezi kwa
gatandatu mu mwaka wa 2007.
Abahinga
bagereranya igitigiri c'inda zikororwa muri Afirika ku mwaka coba
kiri hagati ya miliyoni zine n'igice gushika kuri zitanu (4,5
gushika kuri 5). N'ukuvuga yuko abana hafi imiliyoni zitanu bapfa uko
umwaka utashe batarabona izuba. Ivyo biba kuko atawubipfuza canke
kubera yuko umuvyeyi atitaweho bikwiye.
Igisata
c'ishirahamwe mpuzamakungu citaho ivy'amagara y'abantu OMS kivuga
yuko ku bantu imiliyoni zirenga zine (4,2 millions) baburabuza muri
bo abashika ibihumbi amajana atatu (300.000) zirabahitana. N'ukuvuga
yuko mur'abo bagore 44/100 bapfira mu bitaro bariko barakurikiranwa
n'abavuzi nkuko bitangazwa n'umushakashatsi mu vyerekeye irwirirana
ry'abantu mw'isi yitwa Madame Vitraulle Mboungou. Yabitangaje
akoresheje ikaseti yogufata amajwi benshi bita CD mw'itohoza yagize
ku nda zikororerwa mu kinyegero mu karere ka Afirika.
Avuga yuko muri Afirika hari ibihugu bitatu vyamaze kwemeza itegeko rirekurira ababishaka gukorora inda.
Ibiharuro
bafise vy'abakoroye inda muri iyo myaka ishize n'ibi bikwirikira :
Tuniziya (19000 mu mwaka wa 1996), Zambiya (1200 mu mwaka wa 1983)
hamwe na Repubulika ya Afirika y'epfo (26400 mu mwaka wa 1997).
Ibitigiri nk'ibi bikoreshwa mu kugereranya gusa kubera bitaba vyavuye
muri rusasuma. Ntawobishimikirako cane. Ikibabaje n'uko no muri ivyo
bihugu inda zose zikororwa ntizikororerwa mu bitaro canke ama
mavuriro azwi.
Mu bihugu bitemeje itegeko rirekurira abantu gukorora inda igitigiri c'abazikorora ni kinini cane, gishika mu bihumbi amajana ku mwaka. Niko bimeze muri Afirika y'ubuseruko. N'aho muri ivyo bihugu hari amategeko abuza gukorora inda ameze nka wa mugani w'i Kirundi uvuga ngo : « Amaso y'ibikere ntabuza abavoma.»
Muri raporo y'uyo mupfasoni harimwo ibitigiri vy'inda zoba zakorowe muri Afirika mu mwaka wa 1995. Nta cotuma umuntu yemeza neza yuko arivyo.
- Afirika yo mu buseruko : Umuliyoni n'ibihumbi amajana icenda (1,9
Millions)
- Afirika yo hagati : Ibihumbi amajana atandatu (0,6 Millions)
- Afirika yo mu bumanuko : Ibihumbi amajana abiri (0,2 Millions)
- Afirika yo burengero : Umuliyoni n'ibihumbi amajana atandatu (1,6 Millions)
Abahinga bagize ico
cirwa bagereranya yuko hakororwa inda 300.000 ku mwaka mu gihugu ca
Kenya. Igitigiri kivurwa mu gihugu ca Nijeriya coba kirenga 600.000
ku mwaka!
Ubuzima
n'akadashumbushwa.
«...Ijwi
ry'amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw'isi. Uhereye none
ubaye ikivume, ugerewe kuyerera kure y'aho hantu hasamitse akanwa
kaho kwakira amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije. »
Itanguriro
4 :10-11
Muri
raporo yashikirijwe n'umupfasoni Agnès Guillaume agatako
akanayitanayitangaza ku rubuga rwa Internet:
www.afrik.com/article9739.html,
avuga
ati:
« Benshi muri abo bakororera
inda mu kinyegero cake mu bitaro vy'amagendo bakoresha ubuhinga
bukiri inyuma cane ivyo navyo bituma haba amasanganya menshi.
Abagore bemere kwiyinjizamwo ivyuma
mu bihimba vy'irondoka. Abandi bagakoresha ibicupacupa canke bagasaba
ababateye izo nda ngo bazihonyange kugeza zikorotse. Hariho abandi
bakoresha imiti kugira ngo inda iburabuzwe itaragera kuvuka. Ubwo
buryo bwose bufise inkwirikizi mbi cane ku magara ya banyene
kubukoresha.
Muri make uwuhungukira
ni Satani kuko abantu bapfa bataratungannya imigenderanire yabo
n'Imana. Na cane cane iyo umuvyeyi ahasize agatwe.
Mbe
ni kubera yakoroye inda ?
- Yikoze mu nda kubera yagize ubwoba bwa kazoza
- Yikoze mu nda kubera yagize ubwoba bw'uko abantu bomukumira muri kazoza
- Yakoroye iyo nda kubera ata muntu umwe yamitaye ho ngo amufasheYakoroye inda kuko wamuhemukiye, wamuhevye, yabuze umurwanako mu gihe vyari bikenewe.
- Yakoroye inda kubera yabuze imiti, n'abaganga canke abaforoma bamufasha
- Yakoroye inda kubera ukwihebura, kuko yanka gukorwa n'isoni
- Yakoroye inda kuko mu gihe vyari bikenewe twe nawe ntaco twamufashije
- Yitavye Imana kuko yabuze uwumurwanako bigishoboka
- Yitavye/ bitavye Imana kuko atacabatabarije bigishoboka !
« Ngirira
ikigongwe Mana kubw'imbabazi zawe : Kubw'isinzi ry'imbabazi zawe
usibanganye ibicumuro vyanje. Unyihanganire rwose kukugabitanya
kwanje, unyoze icha canje... unkize umwenda w'amaraso y'umuntu, Mana,
we Mana y'agakiza kanje. Niho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba
ukugororoka kwawe.»Zaburi
51 :1-14
Imana
Iharira abigaye
N'aho
ahanini uru rwandiko atari urw guhamagarira abantu kwihana
biragaragara yuko imbanyi nyishi bene izo zisamwa mu nzira
zidatomoye. Gusama s'ikinntu baba bategekanije, umuntu yovyita mu
mvugo y'abarundi « impanuka ». Bazita ngo inda
zitipfuzwa !
Ku
bakiri mu bugingo haracariho icizere kuko Imana abigaye bose Ibaharira.
Kubafata ingingo haracariho uburyo bwoguhindura ibintu kugira
abavyeyi bibungenze boroherwe. Igihe cose bakoze indekabagende canke
banebwe ntibabafashe n'ingoga abo
baba bagize uruhara muri ako kaga.
Umuntu
wese yahamagariwe kuba umukozi w'Imana, afise umuhamagaro yahawe kuba
intumwa.
« N'uko
nimwinginge nyen'ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe...
N'uko
nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa mubabatiza mw'Izina rya
Data wa twesen'iry'Umwana n'iya Mpwemu yera. Mubigishe kwitondera...»
Matayo 9 :38,
28 :19-20
Iyo
abakozi b'Imana batevye Satani we aca yihara icara akarigita abantu
batarihana Imana!
Itegeko
rirekura gukorora inda
Amashirahamwe atari make
ntahisha ko yopfuza ko iryo tegeko ryobaho mbere batanga akarorero ku
bihugu vyashitse kuri iyo ntambwe akemeza yuko impfu z'abana
n'abavyeyi vyagabanutse.
Abakristo ntiboja na rwo
kuko bosanga bakwegakwegewe mu nzira z'ubwicanyi bibwirwa ngo bariko
bakoresha uburyo bwiza bwo kuvyara ku rugero.
« Mwana
wanje, abanyavyaha ni bakwosha ntukemere. Nibakubwira bati ngwino
ujane natwe, turyamire kwica, dutegere mu mpisho utagira igicumuro,
ata nyanduruko ; tubayongobeze nk'ikuzimu bakibona, ar'imirava,
nk'abamanuka baja muri rwa rwobo... Mwanaje ntuze ugendane nabo mu
nzira, ubuze ikirenge cawe inzira yabo Kukw'ibirenge vyabo vyihukira
gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso. »
Imigani 1 :10-16
Iratwa
rw'ubwicanyi
Umupfasoni
Vitraulle yanditse agira ati : «
Afrika y'epfo n'igihugu muri bike ryashizeho itegeko rirekura
gukurora inda aho hari 1997, akunguko kari mu kurekurira abantu
gukorora ku bushake bw'umwe umwe wese kaatanguye kwibonekeza. Muri
Afrika : Impfu z'ababavyeyi bapfa bariko baribaruka
zaragabanutse gushika ku rugero rwa 50%. »
ku vy'ukuri igikenewe
n'uko abavyeyi co kimwe n'abana b'inzoya. N'umugambi wa Satani
urarikira abantu gukorora amada ku bushake bwabo ; kanatsinda
ubatandukanya n'Imana mu kubakoresha ico
yababujije
Ehe
Ijambo y'Imana rivuga ngo:
« Mbega
none notuma baramukwa, sintume bavyara Nobabohera mw'inda ?
Nikw'Imana yawe ibaza.» Yesaya 66:9.
Aho kwihutira kugira amategeko arekurira bantu gukorora inda ku bugombe leta za Afrika zari zikwiriye kugwiza uburyo bwo gukwirikirana abavyeyi n'abana imbere n'inyuma yo kwibaruka/kuvuka. Amafaranga akoreshwa mu kugura ibirwanisho n'amasase yoshobora gukingira abantu (abavyeyi n'inzoya) imiliyoni zitanu bapfa kira mwaka. « Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa. , N'abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara. !» Imigani 24 :11
Ufise
amatwi yo kwumva niyumve !
- /-
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire