Ikiganiro Bohoka - Iyindi ntambwe
Ncuti bakunzi namwe
bene Data,
haraheze iminsi itari
mike mutaronka ikiganiro ca Bohoka nkuko mwari mubimenyereye. Ivyo
dushobora kubishira mu mugabane w'ibidushikira ku mvo
zitatuvuyeko. Nkuko mwabimenye kumbure icuma mwene Data na
bagenziwe bakoresha mukudutegurira ibiganiro vya Bohoka caragize
ingorane nico catumye aterereza amasengesho no kwitanga. Aka
kajambo ka nyuma ndagashizeko kubera intahuro: „Korera Imana nta
buhombe burimwo!“
Muri ico gihe nyene
habonetse abantu benshi baraturondeye badusaba kwinjira mu murwi
w'abaronka ikiganiro ca Bohoka abandi nabo basaba amasengesho.
N'aho natwebwe ivyuma vyageze ahantu bikadupfana abenshi
barahezagiwe kandi n'ubu barashima intahe.
Imana yaraciye icanzo
muri ino minsi mwene Data Bucumi Elias yarasubiye kurungika
ubutumwa bw'ikiganiro Bohoka bwanditse, turindiriye yuko imiryango
y'ubutumwa buvuga nayo yuguruka.
Imana yakomeje iducira
inzira hari ikindi canzo yaduciriye kiduha uburenganzira bwogufata
no kwiragiza amasanamu avuga ashikiriza ikiganiro Bohoka. Turizeye
cane yuko muzogirirwa ubuntu bwo kuyabona.
Ikiganiro ca Bohoka
cibutsa abantu bose kubohoka ku caha. gihamagarira abasinziriye mu
vyaha canke mu kutamenya gukanguka, abatarakira agakiza ka Yesu
Kristo gukizwa kuko niyo ntango.
Twipfuza kuzohora
dutanga ikiganiro kimwe mu ndwi.
Ica mbere twafashe kuw
27.08.2017 twashize ku rubugangurukanabumenyi na Twiteri buvuga mu
mpfunyapfunyo ibi bikwirikira:
Muzomenya ukuri, ukwo
kuri nakwo kuobaha kwidegemvya (Yohana 8,31-32)
Abantu banje bishwe no
kutamenya (Hoseya4,6)
Mu nzu kwa Data hari
ibibanza vyinshi... ngiye kubategurira ikibanza nzogaruka kubajana
….jewe ndi inzira n'ukuri n'ubugingo ntawuja kwa Data
atanciyeko.( Yohana 14,1-6)
Nta handi turonkera
agakiza atari muri Yesu Kristo; nta rindi zina ryatanwe kw'isi no
mw'ijuru agakiza kabonerwa mwo. (Ivyakozwe n'intumwa 4,12).
Ikiganiro ca kabiri
co kw'itariki 03.09.2017
Kivuga ku kamaro ko
kuba hamwe nk'abizera. Twasomye Zaburi ya 133 mu Kirundi no mu
gifaransa. Mu mirongo ya nyuma y'ico gisomwa yuko aho bakoranira
abaukana(mu kwizera) niho Uhoraho arungika imihezagiro hamwe
n'ubuzima budahera.
Ico kiganiro
cashimikiye ku majambo abiri nyamukuru irya mbere ryashimikiye
k'ukuntu Imana ritwigisha yuko babiri bumvikanye gusaba ikintu
mw'izina rya Yesu bagihabwa, yuko aho babiri canke batatu
bakoraniye mw'Izina ryiwe ko Imana Iba iri hagati yabo. Aha umwe
wese yatahujwe ko ar'ubugombe bw'Imana kuguma mw'ishengero co
kumwe no mu mirwi y'amasengesho.
Irindi jambo
twaganiriyeko n'uko twomenya yuko twahamagariwe kuba umugisha.
Twatanze akarorero k'abantu babereye abandi umuhezagiro natwebwe
turimwo. Abo twavuze n'aho atari bose ni nka Aburahamu, Mose,
Aroni, Dawidi n'abandi ukwizera kwabo kwabereye abandi umugisha,
kubatuma mbere babohorwa mu buja no mu gahinda barimwo. Ni
kirumara kumenya yuko uri canke ushobora kubera umuhezagiro abandi
kandi nabonyene bakakubera uwundi.
|
L'émission Bohoka
– une étape de plus
Chers bien aimés,
chers frères et sœurs dans la foi,
cela fait déjà
quelques temps que vous ne recevez plus régulièrement les
messages audio par WhattsApp. La raison en est que l'un des
appareils très importants que l'équipe utilise Bohoka est
momentanément défectueux. C'est pour cela qu'un appel à
l'intercession( et/ou intervention) vous a été lancé afin
qu'une solution rapide soit trouvée.
Ces derniers mois
nous avons reçu énormément de demande d'adhésion au groupe
Bohoka. Nombreux parmi les nouveaux nous ont adressé des sujets
de prière. Plein de messages témoignant la fidélité de Dieu
pour les avoir exaucé nous sont parvenus. Notre téléphone
portable s'est également abîmé dans la foulée et cela n'a pas
facilité les choses. Au moment où je rédige ce texte il se
trouve toujours chez le technicien.
Ces derniers temps,
l'Éternel a accordé à notre frère Elias Bucumi l'occasion de
poster des messages de Bohoka sous forme écrite : Nous
attendons que la voie s'ouvre pour les messages audios qu'il nous
partage chaque matin.
L'Éternel nous a
béni en nous ouvrant une voie pour pouvoir enregistrer et
diffuser des messages Bohoka sous forme de vidéos. Nous espérons
beaucoup que vous aurez l'occasion de les visionner.
Pour rappel,
l'émission Bohoka invite les gens à être délivré au péché,
réveille ceux qui dorment dans le péché ou dans l'ignorance. Il
invite de façon explicite ceux qui ne sont encore convertis à se
laisser convertir à la foi chrétienne.C'est là son message de
base.
Nous souhaitons que
nous puissions produire et diffuser un message vidéo au moins une
fois par semaine.
En date du 27.08.17,
nous avons diffusé sur notre site Internet et compte Tweeter
notre premier message vidéo. Il contient les passages suivants
:
- Vous connaîtrez la
vérité et la vérité vous affranchira (Jean 8,31-32)
- Mon peuple périt
par manque de connaissance ( Osée 4,6)
- Il y a plusieurs
demeures dans la maison de mon Père... je vais vous préparer une
place..., je reviendrai et je vous prendrai avec moi...Je suis le
chemin, la vérité et la vie. Nul ne vient au Père que par moi.
(Jean 14, 1-6)
« Il n'y a de
salut en aucun autre ; car il n' y a sous le ciel aucun
autre nom qui ait été donné parmi les hommes, par lequel nous
devions être sauvés. » Actes 4,12
La deuxième vidéo
a été enregistrée le 03.09.2017
Elle parle de
l'importance aux frères dans la foi de rester ensemble. Nous nous
sommes appuyé sur le Psaume 133 en Kirundi et en Français. Le
dernier chapitre dit clairement que c'est là que Dieu déverse
ses bénédictions.
L'élément
audiovisuel dont je vous parle a essentiellement insisté sur deux
mots : Lorsque deux personnes s'entendent pour demander une
chose dans la prière au nom de Jésus- Christ, elle leur sera
accordée par Dieu.
Il est dit encore une
fois dans la Parole de Dieu que lorsque deux ou trois seront
réunis au Nom de Jésus, Dieu sera au milieu d'eux.
Ceci nous a fait bien
comprendre que la volonté de Dieu est que nous n'abandonnions pas
nos assemblées tout comme nos maisons de prière.
Une autre Parole qui
nous a occupé c'était celle de retenir que Dieu nous appelle à
être une bénédiction pour les autres. Nous avons cité nos
ancêtres dans la foi qui ont été une bénédiction pour les
autres nous aussi y compris.
Sans pour autant
devoir citer les noms de tout le monde, c'est le cas d'Abraham,
Moise, Aaron, David et autres. Leur foi a été une source de
bénédictions pour les autres et les a sorti de l'esclavage qui
s'était bien sédentarisé chez eux.
Il est nécessaire
que tu saches que tu peux être une source de bénédictions pour
les autres et vis versa.
|
Notre but de est la réconciliation avec Dieu en Jésus - Christ. "Jésus- Christ est le chemin, la vérité et la vie...Celui qui m'a vu a vu le Père... Jn 14,6-9 //Tous Dimanches entre nous avons notre culte en Kirundi sur zoom de 13:45 - 14:45 Heures d'Europe// 14:45 - 15:45 zo mu Burundi dufise amiga ku murongo wa zoom Zoom-Meeting-ID: 585 893 8472 Code: Ejv0w1 https://us06web.zoom.us/j/5858938472?pwd=ZlJqOHdheUh5bWFaRG9BOVRMNW1JZz09
Emission Bohoka - Ikiganiro - Vidéo
Inscription à :
Publier les commentaires (Atom)
-
Dans une petite semaine nous nous souviendrons du jour de la résurrection de Notre Seigneur Jésus- Christ. C'est un avènement qui a e...
-
Par Fr. Hilaire Nininahazwe Nous avons l'habitude de voir des images des personnes que nous avons connues avec cette abréviation RIP...
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire