Uno
mwaka: Mbe umutima wawe urihe?
Bakunzi,
turi
mu bihe ibintu vyose bigenda vyihuta, ubuhinga
ngurukanabumenyi bwarahinduye amateka y'ibintu vyinshi.N'ivyo muzi
WhattsApp irabica bigacika yaje isanga facebook, texto, skype na
Instagram n'ibindi.
Ivyo
vyose bisamaza kurusha uko vyubaka.
Abantu
bose ubu bahurumbira ibibaryohera, basunikwa n'inkomezi z' amaraha
y'ibishobisho, bijukiye ibibazanira amahera, amaronko, ubutunzi no
kumenyekana. Baniganira ivyicaro, baharanira kwagukirwa
n'ukwidegemvya mu nzira zose.
Kwa
kwidegemvya abizera tubonera muri Kristo baguhinduye ukundi kuko kuko
bavogeye imbibe zarwo kera ku kame. Rwa rukundo rwa mbere Ijambo
ry'Imana ritwibutsa mu Vyahishuriwe Yohana 2,4 dusa n'aho twaruhevye.
Ikibanza
c'amasengesho
Abenshi
mu bakristo barahevye gusenga n'ukuvuga ko batakiganira
n'Imana, batakiyisaba canke ng bayigishe inama imbere yo gufata
ingingo kanaka. Iyo rukamvye bafise umwanya wo kuyiganyira,
kuyidogera no kuyisomera. Kwa gusenga gukingura ijuru, kwa gusenga
gushingiye ku kwizera kuriko kurazimangana.
Ibisamaza
vyitwa indirimbo zari izo gutazira no guhimbaza Uhoraho kera nivyo
bijunjika abaje kurondera Uhoraho. Abandi nabo barusha ibihweba vya
kera kwikiriza no kuvuna ihunja, ababagomwe bakabasuka amanoti mu
mifuko no ku mubiri wose!
Ehe
bahitanye imideri bakuye mu miziki yo mu bunywero no mu „dukopo“
bimwe bita boîtes de nuit aba ariyo bagonderako amazina y'Uhoraho
n'iry'Umwana w'Imana Yesu Kristo. Bihutiye gushiramwo intambo
zihayagiza ubuhumbu n'ibimenyetso vy'ab'ikuzimu no mu mwiza wa
Satani. Mbega ivyo s'ibisesema Imana? Itukisha. (Abakolosayo 3,16-17)
Umuntu
ashobora kwibaza unezerwa uw'ariwe ko ar'Imana canke abariko
barihinyanyura bavyina nk'abariko basunikwa n'inkomezi z'umubiri
n'imiyaga itazwi.
Uwuvyina umutima n'ubwenge vyiwe biri ku Mana nta nkeka ko Imuhezagira Ikamunezerererwa nk'uko yanezererewe umwami Dawidi ku gihe ciwe.
Ndafise
ubwoba ko hari benshi bidigadiga ataco bafise mu mutwe no mutima.
Ubwo Umwami Yesu ntazohava ababwira ati: „ Mwebwe sinigeze
mbamenya...“!
None
indirimbo zitagiramwo izina ry'Imana Ihoraho canke irya Yesu Kristo
zitazira nde? Ko tuzi neza yuko atarindi zina tubonera mwo agakiza
atari irya Yesu kristo. (Ivyakozwe n'intumwa 4,12)
Ikibanza
c'Ijambo ry'Imana
Kubera
umwanya utera usa n'uwukeha kuri benshi, abantu batari bake
ntibagifata umwanya wo gusoma Ijambo ry'Imana. Abantu benshi
basigaye banobagura ibisomwa baronka kuri WhattsApp, kuri Television,
mw'ishengero n'ahandi: Har'aho baronka ubutumwa bugoretse ntibaronke
akanya ko kubusuzuma nk'uko abakristo ba mbere babigenza. Ku rubuga
haboneka abanonosoye kuvuguruza no gucurika Ijambo Imana yavuze. (
Abaroma 10, 14-17, Abaheburayo 4,12, Yohana 1,1)
Imana
yadushize hagati y'imirima yaduhaye Ijambo ryayo nk'uruzitiro,
nk'urwete rw'inzira kugira ntiturwe mu manga,mu magabura, mu rwaga,
mu mahwa, mu binyamushinya canke ibindi vyotwaka ubuzima canke
bikatudindiza.
Urwo
rwandiko n'itara rimorekera birenge vyacu, Ijambo ry'Imana n'inzira,
n'ukuri n'ubuzima. Niryo rishobora kuturinda kurya ibitaribwa, gukora
ibidakorwa, kuvuga ibitavurwa n'ibindi nk'ivyo
Nimuze
bakunzi twigarure bigikunda dushire umutima dushire umutima ahari
ubutunzi butazohera. (Matayo 6,21)
|
Où as-tu placé ton coeur
cette année?
Chers bien aimés,
nous sommes dans une période où
tout va vite. La technologie a changé énormément les choses.
Regardez vous-mêmes comment le whattsApp ou tout les canaux des
réseaux sociaux, facebook, texto, skyp, Instagram et autres ont
changé le monde. Il faut le reconnaître, ces derniers distrayent
plus qu'ils n'éduquent.
De nombreuses personnes succombent
au charme du plaisir soutendu par le coup de l'émotion. Elles se
rouent derrière le lucre et les honneurs. Elles se
batttent pour occuper des sièges elevés, pour la liberté sans
limite.
Elles dépassent les yeux fermés
les garde-fous de la liberté que les croyants ont en Christ.
Beaucoup semblent avoir oublié cet amour dont la parole de Dieu
nous parle:“ Mais
ce que j'ai contre toi, c'est que tu as abandonné ton premier
amour.“ Apocalypse 2,4
La place de la prière
de nombreux chrétiens ne prient
plus. Cela veut dire qu'ils ne s'entretiennent pas avec Dieu. Ils
ne Lui demandent rien et ne le consultent en rien. En cas
de stress, ils trouvent le temps de lui adresser des requêtes
bien tissées, Lui faire des remarques ou de le sermonner. La
prière qui ouvre les Cieux, oui la prière dans la foi baissent malheureusement de plus en plus.
Une terrible distraction est en
train de gagner du terrain. Cela s'appelle chants de louange et
d'adoration. Destinés à louer Dieu au départ, ces mêmes chants
servent d'occasions aux danseurs mondains de rivaliser ce qui
distrait le reste du public.Dans certaines églises ces talentueux
sont payés cas par le public spectateur qui leur glissent des billets dans les poches!
Ils ont pris les mélodies des
boîtes de nuit et les bistrots pour les habiller les Noms du Dieu
Vivant et de Jésus-Christ tout en gardant les mouvements
érotiques et les signes sataniques. Quelle honte!
„ Que
la parole de Christ habite parmi vous abondamment; instruisez-vous
et exhortez-vous les uns les autres en toute sagesse, par des
psaumes, par des hymnes, par des cantiques spirituels, chantant à
Dieu dans vos coeurs sous l'inspiration de la grâce:" Col. 3,16-17.
Il y a lieu de se poser la question
quant à qui cela est bon et/ ou fait plaisir. Est-ce à Dieu ou
à celui qui danse? Et d'où vient cela? Puisqu'ils dansent comme
s'ils étaient animés par des esprits inconnus!
Celui ou celle qui loue Dieu en
Esprit et en Vérité, Il ne manquera pas de lui/l'accorder Sa
reconnaissance comme Il le fit pour le roi David à son temps.
J'ai peur qu'il y en ait qui s'agitent rien que pour se faire
plaisir. Ne courrent-ils/elles pas le rsque que Jésus leur
disent à la fin des temps: „éloignez-vous de moi, je ne vous
ai jamais connus...“!
Il n'est pas rare de trouver des
chansons de louange qui ne contiennent ni le nom du Dieu vivant ne
celui de Jésus-Christ. Aucun autre nom ne nous a été donné au
ciel comme sur la terre par lequel nous pouvons être sauvés.
(Actes 4,12).
La place de la Parole de Dieu
par manque de temps, de plus en
plus de croyants ne lisent pas la parole de Dieu. Ils ramassent un
verset ici, un verset là bas par WhattsApp, à la Télé, à
l'Église ou ailleurs.
Il arrive qu'ils recoivent des
messages tout à fait déformés ou vides de contenu. Ils sont
incapables d'éprouver cette parole comme le faisaient les
premiers chrétiens. De plus en plus on remarque la présence des
menteurs qui se sont spécialisés dans la dépravation de la
Parole de Dieu en vue de semer et de perdre le peuple de Dieu.
(Romains 10,14-17, Hébreux 4;12 et Jean 1,1).
Dieu nous a donné sa Parole comme
une lampe qui éclaire nospieds. C'est comme un laisser-passé, un
guide qui nous empêche de tomber dans les ronces, dans les
falaises, dans les trous ou dans les crocs des animaux dangereux,
loin des serpents vénimeux, des marécages mortels et
autres.
Cette Parole nous empêche de faire et dire ce
qui ne se fait pas, ce qui ne se dit pas. Elle nous l'a donnée est la
lampe qui éclaire nos pas. La Parole est le chemin, la vérité
et la vie.
Venez bien aimés et placons notre coeur là où
se trouve notre trésor (Matthieu 6,21).
|
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire