Bene Data, bavukanyi muri Kristu, bakozi b'Imana murongoye
amashengero n'imirwi y'amasengesho, ndahimbawe cane no kubona
akanya keza kubashikiriza urwandiko rusigura muri make ico
guharira n’uguharirwa bisigura.
Ayo majambo niyo mushinge w’igikorwa cacu arico twita «Ijambo
ry'Amahoro no Gusubiza hamwe». Ni nkenerwa yuko tubivuga
tukabinoganza kugira ngo twese dusobanukirwe neza yuko utagira
ukubabarira muri we aba abuze urukundo. Uwo nawe ntashobora
kwibwira yuko yoba ari mu inzira twahisemwo ija mw'ijuru. Iri
niryo jambo nyamukuru tugiye gushimikirako mu nyigisho zacu.
Guharira n'ukuvuga iki ku baKristu? Kwitwa umukristo bisigura uwababariwe. Iyo uri umukristo
n’ukuvuga yuko uri uwahariwe ku buntu ugatako ukaba uvyemerea utabikekeranya. N'uwakiriye agakiza.
Amaraso ya Kristo niyo atuma umuntu aba uwidegemvya. Ijambo
ry'Imana rivuga yuko “uri muri Kristo nta rubanza
ruzomutsinda.”Abaroma 8:1
Kristo yaje mw’isi kugira ngo uwumwemera wese (yuko
ari umwana w”Imana) ntaze apfe rubi ariko aze abone ubugingo
budahera (Yohana 3:16). Impongano ituronkesha Amahoro yabaye kuri
we; niwe yikoreye ivyaha vyacu (Yesaya). Ivyaha vyacu twabihariwe
ku buntu; nta ndishi twari gushobora kuronka iringaniye n’imyenda
yacu. Urupfunguruzo rudushikana kuri iyo ngabire n’ukwizera.
Tubuze ukwemera tuba twanse kwakira agakiza Yesu Kristo
yatuzaniye. Muri ico gihe tuba twanse kwugurur’imitima yacu,
nawe ntaheza ngo adushikire yongere asangire natwe(Ivyahishuriwe
3:20). Aho niho rya jambo rivuga ng’uwutamwirezeye aramaze
gutsindwa n’urubanza kuko atizey’Umwana w’Imana w’ikinege
rica rigaruka rikatwagiriza (Yohana 3:18).
UWUKUNDA URAMUBABARIRA Yesu Kristo yabaye uwa mbere mu
kutwereka akarorero ko kubabarira. Inyigisho ziwe zose zishingiye
ku rukundo: Gukunda Imana kurusha vyose no gukunda mugenzacu nkuko
twikunda twebwe nyene (Matayo 22:37-39), iyo niyo nyigisho
nyamukuru ya Kristo. Yesu yatwigishije guharira no gukunda abantu
bose, abatwanka co kimwe n’abatuvuma (Luka 6:27-37). Yatwigishije kubabarira abandi nkuko natwe twipfuza
kubabarirwa n’Imana (Luka 11:4). URUGERO RWO GUHARIRANA Mu yindi
mvugo ukubabarira n’ukurekura. Kuvuga ngo urababariye utarekuye
uba uriko uribesha kuko impera n’imperuka icaguteranije na
mugenzawe kiragaruka. Imana yaratwibwiriye yuko ivyaha vyacu
Izobita mu kiyaga kandi ko Itazosubira kuvyibuka ukundi (Mika
7:19; Abaheburayo 10:17; Yesaya 43:25-26). Insiguro y’ayo
majambo n’uko Imana yigije kure ivyaha vyacu kuburyo ataho
tuzosubira guhurira ngo bitwugarize (Zaburi 103:2) kiretse twebwe
nyene dusubiye gucumura tukanka kwihana!
UGUHARIRA KUROKORA UBUZIMA Ahatagira uguharira nta mpore
iharangwa. Abarundi bavuga ngo :”Wihora mwene wanyu ukamara
umuryango.” Ukubabarirana guke kwatumye mu bice bitari bike vyo
kw’isi amoko ahona, ibihugu bigatekerwa n’amagorwa kubera
abantu bahonye abandi nabo bashwiragiye.
Iyo ataba kubw’imbabazi z’Imana nta zina muntu riba
rikirangwa mw’isi! Umuntu amaze gucumura n’ukuvuga Adamu na
Eva, Imana ntiyaduhevye. Yaturungikiye nyabuna umwana wayo
w’ikinege Yesu Kristo kugira ngo aze kudukiza (Yohana 3:16). Mu
vy’ukuri ukubabarira ni kamere y’Imana, iyo nayo tuyibonera ku
rukundo Idukunda (Yadukunze).
Agaciro ko kubabarira. Twahariwe ivyaha vyacu ku buntu (Abaroma 6:23) nico gituma
natwe dukwiriye kubigenza gurtyo. Mw’isengesho Yesu Kristo
yatwigishije tuvuga ngo: “Data wa twese...uduharire ivyaha vyacu
kuko natwe duhebera abari mu myenda yacu bose.” Luka 11 Iyo
tuvuze gurtyo tuba twiyemereje yuko tudakwiriye guharirwa mu gihe
twoba tudashobora kubabarira abandi. | Elèves des écoles secondaires et techniques de Gitega en 2008a |
Kubabarirwa ivyaha vyacu n’ingabire y’Imana; uburyo
buriho bwokuyishikira n’ukwemera gusa (Efeso 2:1-10). Mu yandi
majambo dushobora kuvuga yuko ukubabarira ari ikimenyamenya
c’ukwizera. Aha niho habonekera itandukanirizo riri hagati yo
kubabarira nyakuri no kubabarira kubw’umubiri canke
kubw’amategeko.
Ukubabarira n'icamwa c'urukundo. Isi canke umubiri
birafise aho bigeza mu gukunda. Bigeza aho amategeko y’abantu
ageza n’ukuvuga aho amategeko agenga ibihugu ageza. Ayo nayo
arafise ahageza, nico gituma hari ibihano!
Ukubabarira kw’Imana ntikugira urugero,
ntigutegekanya ibihano. Impongano idukiza yatanzwe rimwe rizima ni
Yesu Kristo Umwana w’ikinege w’Imana. “Yamara yacumitiwe
ivyacu bicumuro, yajajanguriwe ivyacu bigabitanyo: Igihano
kituronkesha amahoro cabaye kuriwe, kandi imishishagu yiwe niyo
idukiza.”Yesaya 53:5
“Umugambi w’Ijambo ry’Amahoro no Gusubiza hamwe”
warasohoye urwandiko rurasobanura muri make ubutumwa bwiza uwo
mugambi ufise. Rizofasha benshi mu nzira yokurondera gusubiza
hamwe n’Imana n’abantu. Abipfuza kuronka urwo rwandiko
barashora kururonka batwandikiye.
Urukundo dukura ku Mana rutandukanye n'urw'ab'isi. Iyo
tubabariye vy’ukuri ntaco twisigariza kuko - urukundo
rwihanganira vyose. - Urukundo ntirukorer’ikibi umuntu n’umwe
- Urukundo ntirunezerererwa ububeshi canke ubugunge - Urukundo
ruhimbarwa n’ubutungane n’ukuri. Mu vy’ukuri ubutegetsi
burafise urugero bwahawe n’Imana bugezako mu guhana ivyaha.
Ijambo ry’Imana ntiryigisha kugarariza ubutegetsi, ridusaba
ritwigisha kubwubaha kuko butangwa n’Imana (Abaroma 13).
Ukunda Imana Imuha ubushobozi bwi guharira. Ukunda Imana
Imuha urukundo rwayo; urwo nirwo rumushoboza kubabarira. Ijambo
ry’Imana rivuga yuko urukundo ruruta urupfu (Indirimbo 8:6)
| Le regard hagard des habitants de Gitega juste après la guerre civile de 1993 |
Ni kubw’urukundo Yesu Kristo yemeye kudupfira!
Ntitwoba twibeshe namba tuvuze yuko uguharira ari icamwa
c’akatihabwa kuko kiva mw’ijuru. Ntikuri muri kamere y’abantu
nico gituma kenshi bitugora kwihanganirana. Imana yo ariko
yatwihanganiye ibigabitanyo vyacu vyose! Ukunda Imana akora ivyo
Ishaka! Ikidushingira intahe yuko dukunda abana b’Imana
n’ugukunda Imana tugatako tugashira mu ngiro ivyagezwe vyayo (1
Yohana 5:2-3). Urwandiko rwa mbere rwakwiragwije mu kwezi kwa Munyonyo (kw'icumi na rimwe) 2008 N' Ijambo ry'Amahoro no Gusubiza hamwe
|
Chers biens frères, serviteurs de Dieu en charge des Églises,
je me réjouis de pouvoir vous transmettre ce document qui
résume en peu de mots le sens et de pardonner et d'être
pardonné.
Vous trouverez ici ce qui constitue le fondement de notre appel
la „Parole de Paix et de Réconciliation.“
Il est très important que nous le répétions le plus possible
afin que chacun puisse bien comprendre que celui qui n'est pas
capable de pardonner ne connaît pas l'amour. Celui-ci ne peut
prétendre qu'il est en route pour le paradis céleste. Or ceci
est l'aboutissement de notre démarche.
Que signifie pardonner chez les chrétiens? Un chrétien c'est quelqu'un qui a été pardonné par
la grâce; cela veut dire quelqu'un qui a recu le salut. C'est quelqu'un qu reconnaît qu'l a été pardonné. C'est par
le sang de Jésus-Christ que celui-ci obtient la liberté. Cette
parole nous apprend que“ celui qui est en Christ ne sera pas
condamné:“ Rom.8,1
Jésus-Christ est venu dans le monde afin que quiconque
croit qu'Il le Fils de Dieu ne périsse pas mais ait la vie
éternelle (Jean 3,16)
Le châtiment qui nous donne la paix est tombé sur lui, c'est
lui qui s'est chargé de nos iniquités (Ésaie 53). Nos péchés
nous ont été pardonnés gratuitement c'est à dire sans contre
partie de notre part. La clef de tout ce débloquage qui est elle
un cadeau c'est la foi.
Si nous manquons de foi nous confirmons notre refus du
salut que Jésus-Christ nous a apporté. En ce moment nous
refusons de lui ouvrir nos coeurs; Il ne sait pas accéder à nous
pour communier avec nous ( Apocal. 3,20).
Cela rappelle la Parole qui nous dit que celui qui ne croit pas
est déjà jugé parce qui'il n'a pas cru au nom du Fils unique
de Dieu( Jean 3,18).
Si tu aimes quelqu'un tu lui pardonnes. Jésus -Christ a
été le premier à nous donné son exemple. Tous ses
enseignements ont pour fondement l'amour. Aimer Dieu plus tout
autre chose et aimer notre prochain comme nous nous aimons (
Matthieu 22,37-39). C'est ici le plus grand enseignement le plus
grand que le Seigneur Jésus-Christ nous a donné. Celui-ci consiste à pardonner et aimer tout le
monde, ceux qui nous détestent ou ne nous aiment pas
nécessairement ( Luc 6,27-37).
Il nous a appris à pardonner comme nous souhaitons que
Dieu nous pardonne (Luc 11,4). Si tu pardonnes tu dois également
lâcher prise au point qui ne reste rien de la faute pardonné (
Mika 7,19; Romains 10,17; Ésaie 43, 25-26). Dieu a éloigné de
nous nos péchés afin qu'ils cessent de nous accuser (Psaume
103,2) à moins que nous refusions nous-mêmes de confesser et
d'abandonner le péché.
Pardonner sauve la vie. Là où le pardon est absent il
n'y a point de paix. Un proverbe burundais dit:“ Si tu te venges
contre ton frère, tu en viens à exterminer ta famille.“ Le
manque de tolérance dans bien des pays à conduit à
l'extermination des peuples, rendant malheureux des pays entier
parce que leurs ressortissants ont disparu ou en exil.
N'eût été la grâce de Dieu, il n'y aurait pas aujour'hui
sur terre une âme qui vive. Après avoir péché, les hommes
Adam et Éve n'ont pas été abandonnés par Dieu. Il nous a
envoyé son Fils unique Jésus-Christ kugira ngo aze kudukiza (
Yohana3:16). Pardonner c'est la caractéristique de Dieu qui se
manifeste dans son amour.
Le prix du pardon
| Frère Hilaire Nininahazwe
| nous avons recu le pardon par la grâce (Romains 6,23) c'est
pour cela que nous fassions la même chose. Dans sa prière,
Jésus- Christ nous a appris de dire :“ Notre Père...pardonne
nos péchés comme nous pardonnons aussi ceux qui nous ont offensé
(Luc 11). Lorsque nous disons ainsi nous nous engageons à dire
que nous ne méritons pas d'être pardonnés si nous ne sommes pas
capables de pardonner les autres.
Obtenir le pardon de ses péchés c'est un don de Dieu.
L'unique facon d'accéder c'est celle de croire ( Éphésiens
2,1-10). Le pardon est une caractéristique du degré de la foi.
C'est ici que l'on distingue la différence entre le pardon simple
dicté par la chair et celui dicté par la foi qui outrepasse les
lois et les dispositions sociétales.
Le pardon est le fruit de l'amour. Le monde a sa facon
d'aimer. Celui-ci se conforme aux lois en vigeur et respecte
toutes les jurisprudences.
Le pardon de Dieu n'a rien de comparable, il ne prévoit pas
des sanctions. Le prix de notre rédemption a été donné une
fois en Jésus-Christ, le Fils de Dieu.“Mais
il était blessé pour nos péchés, Brisé pour nos iniquités;
Le châtiment qui nous donne la paix est tombé sur lui, Et c'est
par ses meurtrissures que nous sommes guéris.“
Ésaie 53,5 Le
projet „ Parole de Paix et de la réconciliation“ s'est engagé
à mettre à la disposition de tout le monde un texte qui contient
les passages. Ce document permettra aidera plusieurs à trouver
facilement une voie pour arriver se réconcilier avec Dieu. Il est
disponible pour quiconque veut. | La soif de la Parole de Dieu des habitants de Bujumbura rurale en 2008 était évidente |
L'amour
dont Dieu nous parle est différent de
celui que le monde donne. L'amour tolère tout, il ne fait pas du
mal. L'amour ne ment pas. Il se réjouit de la justice et la
vérité.
Les
états ont recu de la part de Dieu de veiller et de faire
respecter la justice. La parole de Dieu nous empêche de nous
rebeller mais plutôt de respecter l'autorité que Dieu a confiée
à ceux -là-mêmes qui sont élevés en dignité ( Romains 13).
Quiconque
aime Dieu, Il Lui donne
la
capacité de pardonner.
Celui qui aime Dieu, Il lui donne en retour la capacité d'aimer.
L'amour est plus fort que la mort. "Mets-moi
comme un sceau sur ton coeur, Comme un sceau sur ton bras; Car
l'amour est fort comme la mort, La jalousie est inflexible comme
le séjour des morts;
Ses ardeurs sont des ardeurs de feu, Une flamme de l'Eternel.“
Cantiques 8,6
C'est
par amour que Jésus- Christ est mort
pour
nous.
C'est vrai le pardon est quelque chose d'inatteignable sans une
puissance divine. C'est pour cela que nous avons du mal à y
arriver et c'est pour cela il faut se revêtir du Christ.
Dieu
est patient avec nous, Il nous pardonne nos iniquités. Quiconque
aime Dieu fait sa volonté: Ce qui prouve que nous aimons Dieu
c'est aimer les autres et que nous pratiquons ainsi sa Parole. Publié pour la première fois en 2008 Par "La Parole de Paix et de Réconciliation
|
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire