Rester fidèle à Dieu pendant la campagne electorale au Burundi


Bakunzi banje ndabaramukije,
ndahimbawe cane no kuronka kano kanya ko kubabwira bimwe muvyo niyumvira kubijanye n'inyifato twogira muri kino gihe c'amatora.

Hari ibice bibiri canke vya Bibiliya bitatu bimaze iminsi binca mu mutwe. Yesu yishuye umusore umwe yari mu bizera b'ico gihe ati ni mureke abapfuye bahambe abantu babo bapfuye: Uwo nyene Yesu yigishije intumwa ziwe kwama zivuga ukuri aho bikwiye ko bavuga ego bavuge ego aho bikwiye ko havurwa oya naho havurwe oya.

Ariko Yesu aramubarira, ati reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy'ubwami bw'Imana.“ Luka 9,60
arikw'ijambo ryanyu ribe ego,ego; oya, oya: Ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.“ Matayo 5,37
Bati n'ivya Kayasari. Buno arababwira, ati nuko rer'ivya Kayisari ni mubihe kayisari ni mubihe Imana.“ Matayo 22,21

Aya niyo majambo nashaka gukoresha kugira ngo nkebure abarundi bene wacu ku bijanye n'amatora yimirije.
Kwitabira amatora s'icaha. Twese dufise umuhamagaro wo gukunda ibihugu vyacu co kimwe nabayoboye ibihugu vyacu. Urukundo tuvuga ntibisigura ko ari mu buryo bwo kubaha amajwi ni mu buryo bwo guhitamwo mu matora.

Aha niho dusanga iri jambo rivuka riti: „Ufise urukundo ntagirira mugenzi we nabi: nico gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe.“ Abaroma 13,10

Turakuye gutahura ko twese tudafise umuhamagaro wo kuba abanyapolitike. Reka twibuke twese yuko umuntu uw'ariwe wese afise umuhamagaro Imana yamuhaye. Uko niko Imana yaturemye. Yesu yari azi neza yuko Kayisari yari afise ivyiwe bitandukanye n'ivy'Imana. Aha niho dukwiye umwe wese kwitaho ivyo ajejwe ata kindi twitayeho.
Muri kino gihe amatora ariko arangwa n'ibinyoma n'inkuru zitagira inzira n'ingaru. Aho n'ukuhitondera. Nta munsi n'umwe habaye igihe ikinyoma cigeze cemererwa canke kirekurwa. Nimuze twigengesere ntidusange ari twebwe turiko turakwiragiza ibinyoma n'ibitutsi bisambura igihugu.

Ni muze dushire aya matora mu minwe y'Imana ahasigaye ubugombe bw'Uhoraho abe aribwo buranguka.
                    ./. 

Bien chers aimés,
nous nous réjouissons de pouvoir vous transmettre un petit mot quant au comportement à adopter en période d'election.

Deux ou trois versets bibliques me trottent dans la tête depuis quelques jours. Jésus a répondu à un jeune qui croyant qui ne voulait pas s'engager qu'il fallait qu'il laisse les morts enterrer leurs morts. Ailleurs Jésus recommandait à ses disciples qu'il devaient garder en tous lieux et à tout moment le oui là où il faut dire oui et non là où il faut dire non
Mais Jésus lui dit: Laisse les morts ensevelir leurs morts; et toi, va annoncer le royaume de Dieu.“ Luc 9,60
Que votre parole soit oui, oui, non, non; ce qu’on y ajoute vient du malin.“ Matth.5,37
C'est avec ces paroles que je voudrais interpeller mes compatriotes burundais pendant la campagne électorale en cours. C'est vrai répondre à l'invitation des gouvernants n'est pas un péché mon sens. On appelle cela un devoir civique. Nous sommes appelés à aimer nos patries respectives de même que leur dirigeants en l'occurrence leurs élus. Aimer ne veut pas dire toujours apprécier c'est justement cela qui peut conduire à faire son choix dans l'urne.

Justement aimer c'est: „L’amour ne fait point de mal au prochain: l’amour est donc l’accomplissement de la loi.“ Romains 13,10

Il faut que cela soit clair pour nous tous que nous n'avons pas tous l'appel de faire partie des gouvernants. Rappelons-nous chers bien aimés que Dieu nous a créés avec un appel spécifique. Jésus reconnaissait que César avait des attributs différents de ceux de Dieu. Que chacun travaille en fonction de son appel et rien d'autre.

La période électorale est marquée par beaucoup de mensonges et des informations non vérifiées, faites attention. Il n'a jamais été permis de mentir. Nous devons être prudents afin de nous retrouver entrain de transmettre des mensonges des insultes ou des messages destructeurs.

Nous recommandons tout un chacun à Dieu. Que la volonté de Dieu s'accomplisse.
                                 
1 Corinthiens 6,9
Apocalypse 21,8  & 22,15
               ./.





Aucun commentaire: