Le retour de Jésus-Christ - Ukugaruka kwa Yesu Kristo

Fr. Hilaire à Jérusalem i Yerusalemu





La nouvelle du retour de Jésus- Christ  
Il existe ces derniers temps une certaine tension entre ceux qui croient que le retour du Christ est proche et ceux qui n'y croient pas.
 
Malgré l'existence de nombreuses prophéties à ce sujet, il existe des connaisseurs des écritures qui n'y croient pas du tout et surtout qui ne veulent rien entendre quant à l'enlevement de l'Église du Seigneur.

Les derniers versets de la Bible avertissent tous ceux qui chercheront à enlever ou ajouter quelque chose sur la parole qui est écrite. Voir Apocalypse 22,17-20
 
Nous sommes en train de vivre des moments étonnants. Il y a des gens qui s'attendent à voir tous les dirigeants du monde se convertir et ce avant le retour du Christ. Nous ne trouvons cela nulle part dans les écritures.
 
Ce que nous savons c'est que l'Antichrist et ses acolytes se positionnent de plus en plus.
Nous constatons que dans plusieurs endroits il n'y a aucun signe qui marque la présence du Christ ou des valeurs chrétiennes. Dans les environs d'ici, un bar restaurant a ouvert ses portes; la condition première pour pouvoir y entrer c'est d'être complètement nu.
 
On nous dit que les premiers auraient déjà la marque de la bête qui est rapportée dans la Bible. Rien ne nous permet de le confirmer mais nous pouvons bien comprendre qu'il s'agit d'un début qui ne trompe pas.
 
Saviez-vous que le passport africain est tout à fait semblable à celui des occidentaux et/ ou des autres nations lointaines. Les documents de voyage actuels contiennent des informations que seuls les ordinateurs et autres gadjets electroniques sont capables de décoder.
 
Dans les pays occidentaux chaque citoyen recoit dès la naissance un numéro qu'il devra donner lors de ses déclarations d'impôts.
 
I. Le retour de Jésus-Christ
Cette nouvelle n'est pas en réalité nouvelle seulement le fait que nous l'attendons encore fait qu'elle attire notre curiosité.
 
Le prophète Daniel qui a vécu 500 ans avant la naissance du Christ qui a eu à prophétiser sur sa naissance nous a donné des détails quant à ce que nous serons après la mort  : «  Plusieurs de ceux qui dorment dans la poussière de la terre se réveilleront, les uns pour la vie éternelle, et les autres pour l'opprobre, pour la honte éternelle.  » Daniel 12,2
 
Jesus christ lui-même a dit qu'il viendra prendre les siens pour qu'ils habitent là où il habite. Les anges ont dit aux disciples lors de l'ascension, que Jésus allait revenir tel qu'il venait de monter au Ciel. Jean 14,3 et Actes 1,11
 
II. Le projet de Dieu sur les hommes: A quand son accomplissement?
 
Dieu ne cesse de parler de ce projet. Il veut vivre avec nous pour l'éternité. Parmi plusieurs passages nous avons choisi seulement 3 d'entre eux. Il ressort que personne ne connaît ni le jour ni l'heure si ce n'est que Dieu le Père. Ces passages sont  : Ephésiens 1,8-10 et Matthieu 24,6 et Matthieu 24,44
 
III: Retour du Christ et enlèvement de l'Église
Dans sa première lettre aux Thessaloniciens, l'Apôtre Paul nous raconte comment ce sera le jour du retour du Christ et les étapes chronologiques de l'enlevement de l'église. «  Car le Seigneur lui-même, à un signal donné, à la voix d'un Archange, et au son de la trompette de Dieu, descendra du ciel, et les morts en Christ ressusciteront premierement. Ensuite, nous les vivants, qui seront restés, nous serons enlevés ensemble avec eux sur des nuées, à la rencontre du Seigneurs dans les airs, ainsi nous serons toujours avec le Seigneur.  » 1 Thessaloniciens 4, 13-17
 
 
IV. Ressuscités ou enlevés
L'Apôtre Paul nous dit que ceux qui seront morts en Christ réssusciteront tandis que ceux qui seront encore en vie qui seront trouvés en Christ seront enlevés avec eux.1 Corinthiens15,14-15 et 1 Corinthiens 15,51.
V. Le retour de Jésus-Christ est proche
Dans sa lettre, Jacques a donné à ses interlocuteurs des directives sur la facon de se comporter dans la vie particulièrement en ce moment où le retour du Christ est proche. Il leur a recommandé d'être des gens qui disent la vérité, patients et de porter des fruits qui attestent qu'ils sont du Christ. Jacques 5,8
 
L'Apôtre Paul est venu appuyer les propos de Jacques précisant que la nouvelle du retour du Christ n'est pas un mensonge comme certains le prétendent. Dieu attend le répentance de plusieurs. 2 Pierre 3,9-10
 
Jean, dans sa première lettre 3,22 nous dit ce qu'il pense quant à la forme ou l'aspect que nous aurons lorsque nous aurons été transformés après la résurrection ou l'enlevement. Il dit que nous serons semblables à lui , Christ, puisque nous le verrons les yeux dans les yeux. Ce que Paul défend la même version. Nous ne serons pas comme nous sommes maintenant puisque nous aurons été transformés.
 
Cette nouvelle du retour Christ est authentique, Jésus-Christ revient bientôt. Maranatha!


Inkuru yo kugaruka kwa Yesu Kristo

 
Muri kino gihe hari uruhagarara ruterwa n'abantu bihaye kugoreka Ijambo ry'Imana, bagakoresha uburyo bwose kugira bahindure insiguro ubuhanuzi bwatanzwe kuva kera cane. Hariho, muri kino gihe, abitwa ngo bigisha Ijambo ry'Imana bafise amakenga ku kugaruka vuba kwa Yesu Kristo na cane cane ukuduzwa kw'Ishngero ryera.
 

Amajambo ya nyuma ahereza Bibiliya aha gasopo abo bose bazogira ico bongeyeko canke bakurako kw'Ijambo ry'Imana. Hongera ko "Egome, ehe ndaza vuba. Eka ni muhisomere mu Ivyahishuriwe intumwa 22, 17-20
 

Hari twinshi bakunzi, hariho abiteze yuko isi yose ironka abatware bakijijwe imbere yuko Yesu Kristo agaruka. Ivyo ariko ntaho tubisoma. Ico tuzi n'uko Antikristu n'abaja biwe baguma batera intambwe bashinga imambo aha bashinga iyindi hariya kuburyo ubu hari uturere tutarangwa mwo Kristo. Akarorero gatoya ubusa. Aha muri kino gihugu mperereyemwo hariho ibara abayinjiyemwo bose bategerezwa kugenda amenya uko uzobaremye! S'ivyo gusa hari vyinshi umuntu atodonda ngo aheze. Aba mbere baramaze kwishirishamwo, igisa na ca kimenyetso twumva kizoranga abazoba bahisemwo kukorera no kugororokera Satani. Ntituzi yuko arico nyene izina ariko intambwe ikoranabuhanga/Ubuhingangurukana bumenyi bugezeko n'itunganywa ry'intwaro n'impapuro z'inzira na za karangamuntu kw'isi yose hariho ico umuntu ashobora kwibaza. Mbe mwari muzi yuko igitabu c'inzira co muri Afrika giteye co kimwe n'ic'i Buraya canke ahandi hose? Bashobora kugisoma mu vyuma bakamenya ivya nyene igitabu ata ngorane. Mu Budagi kumbura n'ahandi niko bimeze n'umwana akiri mu nda bamuha inomero ngo niyo azohora atorera kw'ikori!
 

I. Inkuru yo kugaruka kwa Yesu
Iyi nkuru irashaje kandi vyongeye ni nshasha kuko tukiyirindiriye itaraba. Umuhanuzi Daniyeli yabayeho imyaka 500 imbere ko Kristo avuka nk'umuntu yaratangaje ukuvuka kwiwe anatangaza kubijanye n'amaherezo y'abantu mu gitabo ca Bibiliya camwitiriwe muri Daniyeli 12,2. Havuga yuko tumaze gupfa bamwe muri twebwe bazokwikangurira amahirwe abandi n'abo amagorwa atagira uko asa.
 

Yesu Kristo ubwiwe nyene yarivugiye yuko azoza kujana abiwe ndetse n'abamalayika
baribwiye intumwa ziwe bati uko mumubonye aduga niko azoraruka. Twiteza kumubona
agarutse kutujana nk'uko yabivuze ati ngiye kubategurira ikibabanza....nzogaruka kubajana
kugira ngo aho mba namwe abe ariho muba. Yohana 14,3 n'Ivyakozwe n'intumwa 1,11.
 

II. Umugambi w'Imana ku bantu n'uyuhe? Uzoranguka ryari?
Imana yonyene yagiye uwudusigurira kenshi kuko Igomba kubana natwe ibihe bidashira.
Mu bice vyinshi twahisemwo Abany' Efeso1, 8-10. Nta n'umwe azi igihe n'isaha kiretse Data wo mw'ijuru. Ayo n'amajambo yavuye mu kanwa ka Yesu Kristo ubwiwe. Azoza atawumwiteze. Matayo 24,36 na 24,44.
 

 
III. Ihishurwa ry'ibijanye no kugaruka kwa Yesu hamwe n'iduzwa ry'ishengero
Mw'ibaruwa rya mbere Paulo yandikiye abanya Tesaloniki abamenyesha ingene bizogenda
ivyo kugaruka kwa Yesu hamwe no kuduzwa kw'ishengero. Havurwa yuko twebwe abazoba
bakiri bazima tutazotanga abazoba basinziriye mu Mwami. Ngo hamaze kwumvikana
ikimenyetso n'ijwi ry'umunmalayika mukuru n 'ijwi ry'inzamba Umwami Yesu azomanuka
mu ku gicu abapfuye bari muri Kristo bazozuka ubwambere hanyuma natwe tuzoba tukri mu
bugingo tuzoteruranwa hamwe nabo tuje gusanganira Umwami wacu mu bicu. Kuva ubwo
tuzibanira ibihe bitazoshira. 1 Ab'anya Tesaloniki 4,13-16.
 

IV.Yesu agarutse tuzozuka canke duteruranwe n'abazutse
 

Paulo avuga ko abari muri Kristo bazozuka. Yemeza yuko hariho abantu batazobona urupfu. Ayo niyo majambo yashimikiyeko mw'ibaruwa yandikiye abanye 1 Korinto 15, 14-15 na 51.
V. Ukugaruka kwa yesu kuri hafi Mu rwandiko intumwa yakobo yanditse yakebuye abizera Kristo ababwira uko bakwiye kwifata na bugingo ukugaruka kwa Yesu kwegereje. Yabingingiye cane kuba imvugakuri no kuba abantu bihangana hamwe no kugendera ibimenyetso biranga uwizera ko Yesu Kristo ari Umwami n'Umukiza. Yakobo 5,8
 
Intumwa Petero nawe yaje yunganira Yakobo amenyesha yuko inkruru yo kugaruka kwa Yesu atari igipindi ivyo navyo Satani akaba abikorerako mukubesha abantu ngo ntawuzoza. Petero avuga neza yuko ah'ubwo arindiriye abantu ngo bihanure bihane.
2 Petero 3,9-10.
Mw'ibaruwa rya mbere rya Yohana 3,2 avuga ico yiyumvira ku kuntu uko tuzoba tumeze turi kumwe na Yesu ati tuzoba dusa nawe kuko tuzoba tumubona amaso mu yandi.
1 yohana 3,2

Paulo nawe nyene yemeza yuko tutazoba tumeze nk'uko turi ubu ariko tuzoba
twahindutse.
 

 

Iyi n'inkuru y'ukuri Yesu Kristo ari mu kuza.: Maranatha! Bisigura ngo umukiza agiye kuza vuba



Aucun commentaire: