Ibihe vya nyuma Igice ca 1 - Les temps de la fin - Série 1


ParMwateguriwe na Pasitori Prosper Iyakaremye


"Ariko mumenye yuko mu minsi y'iherezo hazoza ibihe bigoye."2Tim3, 1

ibi tubisanga mu nyigisho za Pahulo zirimwo impwemu y'ubuhanuzi. Guhera mu kinjana ca mbere Imana yatanguye( abahinga bavuga ko ibi yoba yavyanditse mu mwa wa 67) kutwigisha ukuri ku bijanye n'ibihe vya nyuma vy'inyoko muntu.

Nkuko tuza kubibona muri zino nyigisho, turi mu bihe vya nyuma. Intumbero yazo n'iyo gukangura abagisinziriye mu vy'impwemu b'aba abakristo canke abandi mukubereka ibintu bimwe bimwe bigaragaza yuko turi mu bihe vya nyuma.

Mu buhanga bwayo, Imana iratugabisha ku vyago vy'ibihe vya nyuma ari navyo bihe turimwo ubu kugira ngo tuzo turonke ingene tuzomenya ingene twokwirinda kurwa mu kaga abatozoba barateramiye kunesha impwemu y'ibihe vya nyuma bazorwamo .

Mbega urukundo ruhebuje ! Ico Imana yipfuza conyene n'agakiza kacu : "Igomba ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivyo ukuri." 1 Tim 2,4


Ishengesho ryanje n'uko wogira ubugingo butunganiye Umwami Yesu Kristo kugira uzotorana ubugingo bw'amahirwe budashira.! N'ah'ubutaha!

***


Pasteur Iyakaremye Prosper

"Sache que, dans les derniers jours, il y Aura des temps difficiles."2Tim3, 1
Nous sommes dans un texte du corpus paulinien et dans un esprit prophétique, Dieu nous amène, déjà au premier siècle (les spécialistes pensent que cette épitre fut rédigée aux environs des années 67), à découvrir les réalités des derniers temps de l’histoire humaine.


Comme nous le découvrirons, à travers cette méditation, nous sommes dans les derniers temps. Le message vise à réveiller ceux qui s’endorment spirituellement, chrétiens ou non –chrétiens, en présentant certains faits indiquant que nous vivons les derniers temps.

Notre Dieu, dans son omniscience, nous avertit de tous les maux qui caractériseraient ces derniers temps qui sont les nôtres (je le démontrerai dans la suite de notre méditation) afin que nous échappions à la désolation et aux malheurs dont seront victimes tous ceux qui n’auront pas pu veiller et vaincre l’esprit des derniers temps. Quel amour ! Dieu veut simplement notre salut :
"qui veut que tous les hommes soient sauvés et parviennent à la connaisssance de la vérité." 1 Tim 2,4


Ma prière est que ta vie soit en ordre avec le Seigneur Jésus-Christ afin que tu puisses hériter de l’éternité heureuse !
A bientôt !

***



Aucun commentaire: