Imburi yihuta - Urgent message d'avertissement


1. Mu minsi ya nyuma hazoba ibihe bigoye 

Ariko umenye yuko mu misi y'iherezo hazoza ibihe bigoye.  Kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivyo Imana,  badakunda n'ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,  abaguranyi, ibirandamuke, abivyimvya, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.  Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo. Abameze batyo wame ubatera ibitugu.  Kuko muri bo harimwo abagabo banyegetera mu mazu, bagatwara abagore batagira imitima, baremerewe n'ivyaha, batwarwa n'ukwifuza kw'uburyo bwinshi, bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri. 

 Ariko abantu babi, bo n'abahumbuzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.  Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuko uzi abakwigishije.  Kandi uzi yuko uhereye mu buto bwawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubwenge bwo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.  Ivyanditswe vyose vyahumetswe n' Imana, kandi bifise akamaro ko kwigisha umuntu, kumuhana, kumutunganya no kumutoza indero nziza mu kugororoka; 

Timoteyo Ya Kabiri 3:1-7,13- 15

 2. Murinde imibiri yanyu

 Ntimuzi yuko imibiri yanyu ari ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z'umumaraya? Biragahera.  Ntimuzi yuko uwimatanya n'umumaraya aba ari umubiri umwe na we? Kuko yavuze iti: <<Bompi bazoba umubiri umwe.>>  Ariko uwimatanije n'Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we.  Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora si ico umubiri, ariko usheguye aba acumuye ku mubiri wiwe.  Ntimuzi yuko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza, 

Abo I Korinto Rya Mbere 6:15-19

" Mumenye ko yuk' Uhoraho ariwe Mana: Niwe yaturemye, natwe tur'abiwe, tur'abantu biwe intama zo mu canya ciwe." Zaburi 100,3 

3. Imana ishaka gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristo

 "itwatiye ibanga ry'ivyo igomba, nk'uko vyayihimbaye, ivyigiriye imigabo kuva kera muri we,  vy'ingene izogenza vyose, igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw'ijuru n'ibiri mw'isi.  Kuba muri uwo kwaduhesheje gucika ihanga ryayo, twashiriweho kera nk'uko Iyo yabigabiye, ikora vyose nk'uko imigabo yo mu mutima wayo iri; "Abanyefeso 1:9-11

 4. Ntihagire n umwe muri mwebwe yokwiyimisha Ubuntu bw'Imana.

 " Mukurikire kugiriranira amahoro n'abantu bose, n'ukwezwa, kuko utejejwe atazoraba Umwami.  Mwizigame, ntihagire umuntu adashikira ubuntu bw'Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakandura.  Ntihabeho umushirasoni, canke igihumane nka Esawu, yagurishije ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe. "

Abaheburayo 12:14-16


Dans les derniers jours, il y aura des temps difficiles.

Sache que, dans les derniers jours, il y aura des temps difficiles. 2Car les hommes seront égoïstes, amis de l'argent, fanfarons, hautains, blasphémateurs, rebelles à leurs parents, ingrats, irréligieux, 3insensibles, déloyaux, calomniateurs, intempérants, cruels, ennemis des gens de bien, 4traîtres, emportés, enflés d'orgueil, aimant le plaisir plus que Dieu, 5ayant l'apparence de la piété, mais reniant ce qui en fait la force. Eloigne-toi de ces hommes-là. 6Il en est parmi eux qui s'introduisent dans les maisons, et qui captivent des femmes d'un esprit faible et borné, chargées de péchés, agitées par des passions de toute espèce, 7apprenant toujours et ne pouvant jamais arriver à la connaissance de la vérité...Mais les hommes méchants et imposteurs avanceront toujours plus dans le mal, égarant les autres et égarés eux-mêmes14Toi, demeure dans les choses que tu as apprises, et reconnues certaines, sachant de qui tu les as apprises; 15dès ton enfance, tu connais les saintes lettres, qui peuvent te rendre sage à salut par la foi en Jésus-Christ. „ 1Timothée1-7, 13-15

Gardons nos corps purs

Ne savez-vous pas que vos corps sont des membres de Christ? Prendrai-je donc les membres de Christ, pour en faire les membres d'une prostituée? Loin de là! 16Ne savez-vous pas que celui qui s'attache à la prostituée est un seul corps avec elle? Car, est-il dit, les deux deviendront une seule chair. 17Mais celui qui s'attache au Seigneur est avec lui un seul esprit...Ne savez-vous pas que votre corps est le temple du Saint-Esprit qui est en vous, que vous avez reçu de Dieu, et que vous ne vous appartenez point à vous-mêmes? 20Car vous avez été rachetés à un grand prix. Glorifiez donc Dieu dans votre corps et dans votre esprit, qui appartiennent à Dieu.“ 1 Corinth 1, 15-19


Sachez que l'Eternel est Dieu! C'est lui qui nous a faits, et nous lui appartenons; Nous sommes son peuple, et le troupeau de son pâturage.“ 100,3

Dieu veut réunir toute chose en Christ.

que Dieu a répandue abondamment sur nous par toute espèce de sagesse et d'intelligence, 9nous faisant connaître le mystère de sa volonté, selon le bienveillant dessein qu'il avait formé en lui-même, 10pour le mettre à exécution lorsque les temps seraient accomplis, de réunir toutes choses en Christ, celles qui sont dans les cieux et celles qui sont sur la terre11En lui nous sommes aussi devenus héritiers, ayant été prédestinés suivant la résolution de celui qui opère toutes choses d'après le conseil de sa volonté „ Éphésiens 1, 9-11

Que nul ne se prive de la grâce de Dieu

Recherchez la paix avec tous, et la sanctification, sans laquelle personne ne verra le Seigneur15Veillez à ce que nul ne se prive de la grâce de Dieu; à ce qu'aucune racine d'amertume, poussant des rejetons, ne produise du trouble, et que plusieurs n'en soient infectés; 16ce qu'il n'y ait ni impudique, ni profane comme Esaü, qui pour un mets vendit son droit d'aînesse. 1 „ Hébreux 12, 14-16





Aucun commentaire: