Shira umutima mu nda - Soyez tranquilles

 

Yesu Kristo yaje kubwawe

Yaje mu gihugu cari carapfuye, igihugu c'abapfuye kandi nawe wari warapfuye.

Ariko Imana, kuko ari umutunzi w'ikigongwe, kubwo urukundo rwayo rwinshi yadukunze,  hamwe twari tugipfuye, twishwe n'ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo--ubuntu ni bwo bwabakijije—  „ Abanyefeso 2,4-5

Muri kino gihe gisa n'uko igihe c'ukuza kw'Umwami Yesu birashoboka yuko uhagarika umutima uti ubwo jewe ndimwo?

Nimureme. Ehe Ijambo ry'Imana ritubwira ngo:

„Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira.  Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw'isi, ariko yamutumye ngo abari mw'isi bakizwe na we.  Uwumwizeye ntazotsindwa n'urubanza, ariko uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry'Umwana w' Imana w'ikinege. „ Yohana 3,16-18

„Ariko abamwakiriye bose bakamwizera yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana.“. Yohana 1:12

Ehe raba mwene Data, mukunzi, igihe wakira Yesu Kriso ukamwizera wahindutse ikiremwa gishasha.

„ Nuko rero umuntu wese iyo ari muri Kristo, aba ari icaremwe gishasha; ivya kera biba bihise, vyose biba bibaye bishasha.  Ariko ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubwa Kristo, ikaduha igikorwa c'ukunywanisha,  ni kwo kuvuga yuko Imana yari muri Kristo yiyuzuza n'abari mw'isi, ntiyabaharurako ibicumuro vyabo, kandi yatubikije ijambo ry'umwuzuzo.„ 2 Ab'i Korinto 5,17 -19

Ejo bundi twaganiriye ku bantu bagiye babaza bati; „ Dukore iki?“

Enda nimwibuke:

- Wa musore yabaza Yesu ati nkore iki?

- Ba bayuda /babafarizayo babaza Petero bati dukore iki?

- Ba basoda babaza Yohana ico bikora

Satani n'umubeshi adutera gukekeranya ku vyo dusanzwe tuzi. Mfise umugenzi yama ambwira ati jewe nibaza ko nataye agakiza. N'umukozi w'Imana w'ukuri nomushingira intahe. Ariko Satani yama yamuteye urugarara ataho ruhagaze. Yokwigisha iki we ubwiwe atagakiza yizigiye?

Niba ufise amakenga kubijanye n'agakiza kawe, canke ufise ivyaha ng'ya majambo aza gutuma umutima usubira mu nda.

Hera ku ntango:

„Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa;  kuko umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka; kandi akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza.  Kuko ivyanditswe bivuga, ngo uwumwizera wese ntazoterwa n'isoni. „ Abaroma 10:9-11

„Tuvuze yuko ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebwe.  Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kandi igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.  Tuvuze yuko ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n'ijambo ryayo riba ritari muri twebwe.“Yohana Rya Mbere 1:8-10

„Bana banje bato, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha. Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi,  kandi uwo ni we ndishi y'ivyaha vyacu, mugabo si iyo ivyacu twenyene, ariko ni iyo ivyo abari mw'isi bose.“ Yohana Rya Mbere 2:1-2

Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira ko iritevya. Ariko yihanganira mwebwe, ntigomba ko hagira abahona, ariko agamba ko bose bihana.“ 2 Petero 3,9

                 

                   Frère Hilaire Nininahazwe

     Bene Data twasangiye aya majambo itariki 23.01.22 bagize ico bavuga mukuyanoganza no kuyashimangira.

Satani n'umubeshi abahendesha ijambo rya „Evangile de la grâce“ ngo agakiza twaronse ku buntu nta kindi dukeneye ngo ibintu vyaramaze gutungana.

Ntitukibagire ivyo kwihana ivyaha na ntaryo yitwaje ngo yarababariwe. Ni mwumve ijwi rya Mpwemu Yera.

Yesu Kristo aho yoza ibirenge intumwa yari azi ko Se yamuhaye vyose, ko yavuye kandi agira asubira ku Mana.

Yashatse kubwira abamwakiriye ko biyuhagiye ariko ko kubera bakagendera muri iyi si yanduye abantu bagenda biyanduza, Satani akabatega imitego mu buryo bwinshi. Nico gituma duterezwa kwama dusengeranira.

Tutikuyeko ivyaha, tukitandukana naco ntaco tuba dusangiye na „Yesu Kristo. Aramwishura ati ni ntakwoza, ntaho tuzoba duhuriye.“ Yohana 13,8b

Igikuru n'ukwizera, n'ukwemera. Ahasigaye n'ugucungana n'umurwanizi yama ashaka kutwanduza.

Satani nta kindi arondera atar'uguhuvya abantu. Yesu yapfuye kubera ivyaha vyacu. Yesu yazutse kugira ngo adutsindanishirize, turonke ubugingo bubonerwa muri Yesu. Ntawobideha „Ubuntu“buriho twakijijwe ku buntu.

Satani yama arondera kuduta mu mutego atuzanira amategeko nk'iryo gukebwa kuko azi neza yuko ata n'umwe ashobora gukwirikiza itegeko uko rimeze kuko umuntu aramutse agenda mu mategeko ategerezwa kuyakwiza yose.

Satani yumvise uwuvuze „Ubuntu“ arajingitwa . Muvy'ukuri icazanye Yesu kudukiriza ubuntu kanatsinda nta muntu n'umwe agororoka bose bakoze ivyaha. Nta n'umwe ashobora kwironsa agakiza ku giti ciwe.

Kira noneho: Agakiza kabonerwa ku buntu. Yesu yatwigishije isengesho „Data wa twese“ ririmwo ibice bitandatu. Bitatu biraba Imana ibindi bitatu navyo biraba twebwe abantu.

Dusenga tuvuga ngo:“ Ntutujane mu bitwosha nabi.

Hariho ivyaha abantu benshi batabona kandi batanazi ko bibaho. Iyo abantu bavuga ivyaha akenshi biyumvira ibimenyerewe nk'ubusuma, ubusambanyi, ububeshi...ntawe ndumva avuga ivyaha vyatumye Satani akurwa mw'ijuru. Satani nta Banki yamanye, nta mugore w'uwundi yatwaye. Yahumiye n'ubwibone. Dusome Yakobo 4,1-6

Icaha co gucudika n'isi si benshi barakizi. Ni gake twumva havurwa ko hano mw'isi ariho dukura ibituzimiza. Kugira ukwizera n'ikintu ciza cane ariko n'ukwirinda rwose ubwibone n'urukundo rw'isi.

Mwene Data yadusiguriye avuga at'ubwibone ni bumwe, n'ukugomba kwishira hejuru umuntu akagomba kuja hejuru y'abandi.

Muri make amajambo twahagaze cane n'aya:

- Kwizera

- Kwezwa

- Gucungana no kurwa ku caha

- Kwitwararika kumenya no kurwanya ivyaha bikunda kuza kubana b'Imana.

Tumaze kuja muri Kristo, we ubwiwe ataco atwagiriza ntawuzoshobora kutwagiriza. Iyo ducumuye dufise ikidutabara n'ukwidibika mu maraso ya Yesu. Utihana, agendera mu vyaha. Ubuntu ntibutwemerera kuba abagendera mu vyaha.

Hari ibigice kitwibutsa ingene dukwiye kugendera kure y'icaha:

- 1Korinto 6, 9, Ivyahishuriwe Yohana 21,8

- Ivyahishuriwe Yohana 22,15   

        ./.

 






Jésus-Christ est venu dans le monde pour toi

Il est venu dans un pays mort spirituellement, un pays peuplé par des cadavres spirituels.

"Mais Dieu, qui est riche en miséricorde, à cause du grand amour dont il nous a aimés, nous qui étions morts par nos offenses, nous a rendus à la vie avec Christ (c'est par grâce que vous êtes sauvés)" Ephésiens 2,4-5

En cette période où nous vivons des moments du retour du Christ beaucoup ont le coeur troublé.

Soyez rassurés: Voici ce la Parole de Dieu nous dit:

 Car Dieu a tant aimé le monde qu'il a donné son Fils unique, afin que quiconque croit en lui ne périsse point, mais qu'il ait la vie éternelle. Dieu, en effet, n'a pas envoyé son Fils dans le monde pour qu'il juge le monde, mais pour que le monde soit sauvé par lui. Celui qui croit en lui n'est point jugé; mais celui qui ne croit pas est déjà jugé, parce qu'il n'a pas cru au nom du Fils unique de Dieu.“ Jean 3,16-18

Mais à tous ceux qui l'ont reçue, à ceux qui croient en son nom, elle a donné le pouvoir de devenir enfants de Dieu, lesquels sont nés, „ Jean 1,12

Depuis que tu as recu Jésus-Christ tu es devenu une nouvelle créature.


Si quelqu'un est en Christ, il est une nouvelle créature. Les choses anciennes sont passées; voici, toutes choses sont devenues nouvelles. Et tout cela vient de Dieu, qui nous a réconciliés avec lui par Christ, et qui nous a donné le ministère de la réconciliation. Car Dieu était en Christ, réconciliant le monde avec lui-même, en n'imputant point aux hommes leurs offenses, et il a mis en nous la parole de la réconciliation“ 2Corinthiens 5,17-19

La fois dernière fois nous nous sommes entretenus sur les personnes qui se sont vues coincées et ont demandé quoi faire.

Souvenez-vous:

  • du jeune homme qui alla voir Jésus pour lui demander ce qu'il faut faire?

  • Des juifs demandant à Pierre quoi faire lors de la journée de Pentecôte.

  • Des soldats s'adressant à Jean-Baptiste pour savoir comment se comporter.

Satan est un menteur. Il crée la confusion et nous fait douter sur des choses que nous connaissons habituellement. J'ai un ami qui me dit qu'il lui avoir de douter si il a encore le salut. Et pourtant c'est un serviteur de Dieu très assidu. Comment peut-on servir Dieu dans cet état?

Si tu as des doutes concernant ton salut, si tuas des péchés reprends la procédure à zéro:

Si tu confesses de ta bouche le Seigneur Jésus, et si tu crois dans ton coeur que Dieu l'a ressuscité des morts, tu seras sauvé. Car c'est en croyant du coeur qu'on parvient à la justice, et c'est en confessant de la bouche qu'on parvient au salut, selon ce que dit l'Écriture:“ Rom. 10,9-10

Si nous disons que nous n'avons pas de péché, nous nous séduisons nous-mêmes, et la vérité n'est point en nous. Si nous confessons nos péchés, il est fidèle et juste pour nous les pardonner, et pour nous purifier de toute iniquité. Si nous disons que nous n'avons pas péché, nous le faisons menteur, et sa parole n'est point en nous.“ 1 Jean 1,8-10



Mes petits enfants, je vous écris ces choses, afin que vous ne péchiez point. Et si quelqu'un a péché, nous avons un avocat auprès du Père, Jésus Christ le juste.

 Il est lui-même une victime expiatoire pour nos péchés, non seulement pour les nôtres, mais aussi pour ceux du monde entier.“ 1Jean 2, 1-2

Voci les éléments importants avec lesquels nos frères et soeurs ont enrichi le message ci-haut (du 23.01.22).



Satan est un menteur en faisant croire au gens qu'ils n'ont pas à s'inquiéter en raison de la dite Évangile de la grâce.

N'oublions jamais de confesser nos péchés de facon régulière sous pretexte que tout es accompli. Écoutons sans cesse la voix du Saint-Esprit.

Lors que Jésus lava les pieds des disciples, Il savait qu'il venait et allait repartir vers Dieu, Son Père.

Il a voulu signifier à ceux qui l'ont recu qu'ils ont été purifiés mais qu'ils étaient constamment confrontés aux souillures du monde et aux nombreux pièges de Satan. Ce geste représente le lavage permanent que les croyants doivent entre par les prières, les confessions.

Lorsque nous gardons nos péchés nous avons pas de relation avec Jésus- Christ“... Si je ne te lave, tu n'auras point de part avec moi. „ 13,8b


Satan cherche constamment a créer la confusion dans les coeur des gens. Jésus- Christ est mort à cause de nos péchés. Il est ressuscité  afin que nous soyons justifiés par lui et que nous ayons la vie qui s'obtient en Jésus. La grâce est certes là, nous avons été par la grâce.

Satani nous tend constamment des pièges de toutes sortes. Ils nous commande des lois comme celle de la circoncision tout en sachant que personne ne peut accomplir toute la loi telle qu'elle est.




Satan déteste d'entendre parler de la grâce: Justement Jésus est venu pour que nous soyons sauvés en lui puisque personne n'est droit tout le monde a péché et personne ne peut se sauver de soi-même.

Le salut s'obtient uniquement en Jésus- Christ et ce, gratuitement. La prière, Notre Père, qu'Il nous a apprise comprend six parties. Les trois premières concernent Dieu le Père et les trois autres nous concernent nous les hommes.

Nous disons à chaque fois. " Ne nous soumets pas à la tentation."

Il y a beaucoup de gens qui ne remaquent pas et n'ont pas conscience de l'existence des certains péchés. Il y en a qui sont très bien connus  comme l'adultètre, le mensonge... on n'entend pas parler des péchés comme ceux qui ont occasionné le renvoi de Satan du Ciel. Ce dernier n'a jamais dévalisé une banque, n'a pas commis l'adultère par contre c'est à cause de son orgeuil qu'il a été puni. A découvrir dans Jaques4, 1-6 

Le péché de se conformer existe bel et bien. C'est rare que nous entendons dire que c'est à partir de ce monde que que nous trouvons de la matière pour nous perdre. Avoir la foi c'est une très bonne chose mais surtout il faut à tout prix éviter l'orgeuil et l'amour du monde.

En peu de mots, nous avons insisté sur les thèmes suivants:

- Avoir la foi

- Se sanctifier

- Se garder pour tomber dans le péché

- Reconnaître et combattre les péchés qui s'attaquent aux enfants de Dieu.

Qui nous accusera, une fois en Christ. Lui, ne nous accuse pas. Lorsque nous commettons un péché, nous avons le sang de Christ. Celui qui ne se répent pas vit et marche dans le péché. La grâce ne donne pas le droit de vivre dans le péché.

Quelques passages bibliques qui nous rappellent ce qu'il faut faire.

- 1 corinthiens 6,9; Apocalypse 21,8; 

Apocalypse 22,15

                         ./.





Aucun commentaire: