Dans la croisade organisée du 26 au 31 décembre par la famille présidentielle dans la commune Mwumba en province de Ngozi, la première Dame du Burundi a partagé des «révélations» sur la manière dont la chose publique est gérée notamment. La première Dame a prié pour le Burundi et espère que Dieu pardonnera tous les péchés qu’elle a listés. Iwacu propose un verbatim. *
Kirundi | Français |
---|---|
Uhoraho ahari ivyaha uhatera ibitugu. Natwe twaragucumuyeko mu gihugu c’Uburundi. Turakora ivyaha bitandukanye kandi twarahanuwe na kenshi, turabwirwa na kenshi, kenshi tukanabirengako, kenshi twica amatwi. Ariko uyu munsi mwiza Uhoraho waduteguriye udasanzwe, kugirango udukize, utubohore kugira twinjire mu mwaka mushasha twakize, twabohotse. | |
Mana yacu nziza, turagufukamiye, abahambaye n’aboroshe duciye bugufi. Mwami ivyaha twakoze vyose turavyatuye. Nukuri mu Gihugu cacu abapfa barapfuye, bishwe na bagenzi babo kubw’ishari, kubw’inzigo, kubw’urwanko. Mana yo mw’ijuru kubw’ama règlements de compte atandukanye, Amaraso yarasesetse. | Notre Dieu merveilleux, nous nous agenouillons, puissants et humbles, devant toi avec humilité. Seigneur, nous te confions tous nos péchés. C’est une évidence, des gens sont morts dans notre pays, tués par leurs proches à cause de la jalousie, de la rancœur, de la haine. Dieu du ciel, à cause de différents règlements de comptes, le sang a été versé. |
Iki gitondo niho nasomye amajambo avuga ngo amaraso azohogwa ayandi. Ngo uwusheshe amaraso nawe ayiwe azoseswa. Numva ngize ubwoba ntangazwa n’ukuntu iryo jambo urimpaye. Urabisubiramwo ubugira kabiri. Ng’amaraso ahogwa ayandi. Ng’uwusheshe amaraso ngo n’ayiwe azoseswa, unzanira amazina y’abantu imbere yanje, numva ndatangaye nsanga ayo mazina ndiko ndayandika, nsubiramwo amazina, nongera nsubiramwo amazina. | C’est ce matin que j’ai lu un passage qui dit que le sang versé sera vengé par l’effusion du sang. Celui qui verse le sang d’autrui, le sien sera aussi versé. J’ai été j’ai été ébahie que tu me donnes cette parole. Tu as repris pour la deuxième fois. Le sang versé est vengé par le versement de sang. Celui qui verse le sang d’autrui, le sien sera aussi versé, tu m’as montré des noms des gens, j’ai été étonnée, je me suis retrouvée en train d’écrire ces noms, en reprenant ces noms, en les reprenant encore et encore. |
Uhoraho Mana hari benshi basheshe amaraso, mw’izina rya Yesu, turaciye bugufi imbere yawe dusaba imbabazi, abiba barivye, n’uyu munsi abarundarundanya bariko bararundarundanya. Mw’izina rya Yesu, abatwaza igitugu bariho, abarenganya abantu bariho, abasambanyi baruzuye. Mw’izina rya Yesu, abakorana inzigo, ishari, urwanko, abagenda bihora, baruzuye, turaciye bugufi, ubwibone bwo mu mitima buruzuye. | |
Mana yo mw’ijuru, twaragiriwe ubuntu dushirwa mu bibanza kanaka, umuntu yashikayo akagara ukamengo niwe yahishize, nuw’Imana yacishijemwo agasigara amusuzugura umengo ntaco amaze. Ivyo vyose uno munsi uriko urabiraba, Uhoraho. Mw’izina rya Yesu, bikakubabaza ko abantu bigize abakomeye, abahambaye, abiyimitse, abihaye ivyo bafise. | Dieu du ciel, nous avons bénéficié de ta grâce, différents postes nous ont été confiés. Mais quand on y arrive, on se montre prétentieux, comme si on s’y est mis sois-même dans cette position, même celui sur lequel Dieu est passé, on arrive à le dénigrer, à le prendre pour un vaurien. Tu es témoin de tout ça ces jours-ci, Seigneur. Au nom de Jésus, tu es affligé que des gens se prennent pour des forts, puissants, ceux qui se sont investis eux-mêmes, ceux qui se sont donnés ce qu’ils ont. |
Mana yo mw’Ijuru, uyu munsi abafise babandanya kurundarundanya. Mbere bakarondera nivy’abanyantege nke, abato, bakavyikwegerako bakanyaga n’abato, bakanyaga n’abari bafise bike. Mana yo mw’ijuru, twaragucumuyeko, turaciye bugufi, aya mavi dupfukamitse kuri uno munsi abahambaye n’aboroshe dukubitse ibipfukamiro dusaba imbabazi. Abakozi b’Imana turapfukamye dusaba imbabazi, aho twanjanjwe, aho tutahagaze mu myanya yacu, aho tutakoze ivyo twategerezwa gukora, aho twavugishije ibinyoma, mw’izina rya Yesu, aho twisutse mu bitaturaba. | |
Mw’izina rya Yesu, turaciye bugufi, turasavye ikigongwe, aha twaje ngaha, turi mu mu gishingo c’abandi barundi batari ngaha mwami w’abami, turagupfukamiye. Erega mwami ngo nitwaca bugufi tukihana ivyaha vyacu, ngo uzoduharira, uharire n’igihugu cacu kandi ngo naho imvura yoba yataze izogwa, uhoraho twihanye ivyaha ntakabuza imvura y’umugisha izogwa mu gihugu cacu c’Uburundi. | |
Mw’izina rya Yesu kristo, bwa butare, bwa butunzi waduhaye, kandi nivy’ukuri, harageze yuko buja ahabona, bugateza imbere umurundi wese, atari bamwe gusa, atari bamwe gusa, atari imigwi imwe gusa, hamwe umurundi wese ashikigwa. Waradutungishije muri sous-sol yacu, harageze ko bija kumugaragaro, harageze ko bidutungisha. Harageze, harageze, harageze, kumbure vyagumye binyegejwe kubw’intege nke zacu, kubw’ivyaha vyacu. Utubabarire, utubabarire hanyuma Mwami, ubutare bwacu buje ahabona, bucukugwe, mukuri, mu rutonde rwiza, hanyuma tumererwe neza. | Au nom de Jésus christ, lesdits minerais, les richesses que tu nous as donnés, vraiment il est temps que leur exploitation se fasse dans la transparence, pour que chaque Burundais en tire profit, que ce ne soit pas certains qui en profitent, que ce ne soit pas certains qui en profitent, que ce ne soit pas certains groupes, mais que tout Burundais en bénéficie. Tu nous as dotés un sous-sol riche, il est temps que l’exploitation soit faite dans la transparence, il est temps qu’elle nous enrichisse tous. Il est temps, il est temps, il est temps, peut-être que cette affaire a été toujours gérée en catimini suite à notre faiblesse, à nos péchés. Pardonnes-nous, pardonnes-nous et après, Seigneur, que nos minerais soient gérées et exploitées dans la transparence, et que nous en bénéficiions tous les dividendes. |
Mw’izina rya Yesu kristo, ivy’ibitoro twabuze, birashoboka ko ibitoro tubironka muri kino gihugu tukamererwa neza [….] Amaraso ya Yesu atweze gose adutunganye. Imbabazi zawe zitubeko. Uhoraho, imitima ikomantaye, imitima ikomantaye, imitima ikomantaye, imitima y’akadada, mw’izina rya Yesu kristo birashoboka ko ayimenagura muri kano kanya. Mw’izina rya Yesu kristo niyi saha nyene hari imitima ikomantaye, hari imitima ikomantaye, hari imitima ivuga ngo Vuga ugende, vuga ugende. | Au nom de Jésus christ, le carburant que nous avons manqué, c’est possible d’en avoir dans ce pays pour notre bien [….] Que le sang de Jésus christ nous rende des gens justes, dignes. Que son pardon soit sur nous. Seigneur, les cœurs durs, les cœurs durs, les cœurs durs, les gens entêtés, au nom de Jésus christ, c’est possible qu’il les casse en ce moment. Au nom de Jésus christ, à cette heure-ci, il y a des cœurs durs, des cœurs qui disent, parle et va-t’en, parle et va-t’en. |
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire