Agateka ko kubaho - Abavyeyi n'ibibondo

Inkomoko y'ubuzima
kukw'ari wewe waremye amafyigo, wanteranirije mu nda ya mama…urukanka rw'umubiri wanje ntiwaruhishwa …! Erega Mana , ivyiyumviro vyawe n'vy'agaciro kuri jewe!Erega igitigiri cavyo ni kinini.” Zaburi 139:13-17

Iyo tuvuze ngo abana bacu nkuko boba ari nyishu z'ubugombe bwacu bwite! Tuba twibeshe cane. Imana yaraduteye iteka ritagira urugero mukuducako kugira ngo Ibahe ubugingo. N'ivyo tuzi neza yuko Imana yari gushobora kubarema Itarinze kuducako ! « N'ukw'Imana irema umuntu mw'ishusho yayo...., irema abantu b'uburyo bubiri! » Itanguriro 1 :27

« Mbega ntiwansutse nk'amata, ukamvuza

nk'urubu ? Wanyambitse urukoba n'inyama, undandikanisha amagufa n'imitsi wampaye ubugingo ungirira imbabazi; kungendera kwawe nikwo kwanzigamiye umutima. » Yobu: 10 : 11-12

Imana yaraduhaye uburenganzira bwo guhitamwo kuyigamburukira canke kuyigabira. Hariho abantu banka, ibigirankana, gushira hamwe n'Imana bagashima kwiberaho uko bo bavyumva. Babaho bakurikije uko ubuzima buje bagatega umutwe nk'umumobwa muri vyose.

«  Mu ntango, Imana yaremye umuntu imuha ububasha bwogufata ingingo. Ubishatse uzobaho yashize imbere yawe amazi n'umuriro, n'ahawe woguhitamwo. » Siracide 15 :14-16 (NB : Igisomwa gisa n'ikiri mu Gusubiramwo ivyagezwe 30:19.

Ivyiyumviro vy'Imana ntibiserangurika

Hari benshi bipfuza kuronka uruvyaro ariko bikanka. Ivyo ntibishikira abantu kubera yuko boba batagira ukwizera canke bagambararira Imana. Kuvy'ukuri Imana niyo yonyene ifise ububasha bwo gutanga ibibondo. Ni vyo hariho abantu baronse ur'uvyaro habanje gukoreshwa ubuhinga bw'abavuzi. Ubuhinga bwose n'ubumenyi biva ku Mana. Ntitwaremewe guhona ariko twaremewe kubaho ibihe bidashira.

 « yamara rero namana nawe na ntaryo , umfashe ukuboko kw'i buryo. Uzondongoza inama ungiriye, kandi hanyuma uz'unyakirane icubahiro. » Zaburi 73 :23-24
  1. Agateka ko kuvuka
Gukorora inda muri Afirika
Ku nda imiliyoni mirongitanu (50 millions) zikororwa kira mwaka kw'isi icumi kw'ijana n'izo muri Afirika. Uravye abantu baba muri kw'isi n'ukuvuga 6 620 197 025 mur'abo abangana 914 426 339 nibo baba muri Afirika mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka wa 2007.

Abahinga bagereranya igitigiri c'inda zikororwa muri Afirika ku mwaka coba kiri hagati ya miliyoni zine n'igice gushika kuri zitanu (4,5 gushika kuri 5). N'ukuvuga yuko abana hafi imiliyoni zitanu bapfa uko umwaka utashe batarabona izuba. Ivyo biba kuko atawubipfuza canke kubera yuko umuvyeyi atitaweho bikwiye.

Igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu citaho ivy'amagara y'abantu OMS kivuga yuko ku bantu imiliyoni zirenga zine (4,2 millions) baburabuza muri bo abashika ibihumbi amajana atatu (300.000) zirabahitana. N'ukuvuga yuko mur'abo bagore 44/100 bapfira mu bitaro bariko barakurikiranwa n'abavuzi nkuko bitangazwa n'umushakashatsi mu vyerekeye irwirirana ry'abantu mw'isi  Madame Vitraulle Mboungou. Yabitangaje akoresheje ikaseti yogufata amajwi benshi bita CD mw'itohoza yagize ku nda zikororerwa mu kinyegero mu karere ka Afirika.

Avuga yuko muri Afirika hari ibihugu bitatu vyamaze kwemeza itegeko rirekurira ababishaka gukorora inda. Ibiharuro bafise vy'abakoroye inda muri iyo myaka ishize n'ibi bikwirikira : Tuniziya (19000 mu mwaka wa 1996), Zambiya (1200 mu mwaka wa 1983) hamwe na Repubulika ya Afirika y'epfo (26400 mu mwaka wa 1997). Ibitigiri nk'ibi bikoreshwa mu kugereranya gusa kubera bitaba vyavuye muri rusasuma. Ntawobishimikirako cane. Ikibabaje n'uko no muri ivyo bihugu inda zose zikororwa ntizikororerwa mu bitaro canke ama mavuriro azwi.

Mu bihugu bitemeje itegeko rirekurira abantu gukorora inda igitigiri c'abazikorora ni kinini cane, gishika mu bihumbi amajana ku mwaka. Niko bimeze muri Afirika y'ubuseruko. N'aho muri ivyo bihugu hari amategeko abuza gukorora inda ameze nka wa mugani w'i Kirundi uvuga ngo : « Amaso y'ibikere ntabuza abavoma

Muri raporo y'uyo mupfasoni harimwo ibitigiri vy'inda zoba zakorowe muri Afirika mu mwaka wa 1995. 
    • Afirika yo mu buseruko : Umuliyoni n'ibihumbi amajana icenda (1,9Millions)
    • Afirika yo hagati : Ibihumbi amajana atandatu (0,6 Millions)
    • Afirika yo mu bumanuko : Ibihumbi amajana abiri (0,2 Millions)
    • Afirika yo burengero : Umuliyoni n'ibihumbi amajana atandatu (1,6 Millions)

Abahinga bagize ico cirwa bagereranya yuko hakororwa inda 300.000 ku mwaka mu gihugu ca Kenya. Igitigiri kivurwa mu gihugu ca Nijeriya coba kirenga 600.000 ku mwaka!

Ubuzima n'akadashumbushwa.

«...Ijwi ry'amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kuva kw'isi ryanhikiriye. Uhereye none ubaye ikivume, ugerewe kuyerera kure y'aho hantu hasamitse akanwa kaho kwakira amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije»Itanguriro 4 :10-11

Muri raporo yashikirijwe n'umupfasoni Agnès Guillaume agatako akanayitanayitangaza ku rubuga rwa Internet: www.afrik.com/article9739.html,

avuga ati:

«  Benshi muri abo bakororera inda mu kinyegero cake mu bitaro vy'amagendo bakoresha ubuhinga bukiri inyuma cane ivyo navyo bituma haba amasanganya menshi.
Abagore bemera kwiyinjizamwo ivyuma mu bihimba vy'irondoka. Abandi bagakoresha ibicupacupa canke bagasaba ababateye izo nda ngo bazihonyange kugeza zikorotse. Hariho abandi bakoresha imiti kugira ngo inda iburabuzwe itaragera kuvuka. Ubwo buryo bwose bufise inkwirikizi mbi cane ku magara ya banyene kubukoresha.

Muri make uwuhungukira ni Satani kuko abantu bapfa bataratungannya imigenderanire yabo n'Imana. Na cane cane iyo umuvyeyi ahasize agatwe.

Mbe ni kubera iki yakoroye inda ?

  • Yikoze mu nda kubera yagize ubwoba bwa kazoza
  • Yikoze mu nda kubera yagize ubwoba bw'uko abantu bomukumira muri kazoza
  • Yakoroye iyo nda kubera ata muntu umwe yamwitaye ho ngo amufashe. Yakoroye inda kuko wamuhemukiye, wamuhevye, yabuze umurwanako mu gihe vyari bikenewe.
  • Yakoroye inda kubera yabuze imiti, n'abaganga canke abaforoma bamufasha
  • Yakoroye inda kubera ukwihebura, kuko yanka gukorwa n'isoni
  • Yakoroye inda kuko mu gihe vyari bikenewe twe nawe ntaco twamufashije
  • Yitavye Imana kuko yabuze uwumurwanako bigishoboka
  • Yitavye/ bitavye Imana kuko atacabatabarije bigishoboka !
« Ngirira ikigongwe Mana kubw'imbabazi zawe : Kubw'isinzi ry'imbabazi zawe usibanganye ibicumuro vyanje. Unyihanganire rwose kukugabitanya kwanje, unyoze icaha canje... unkize umwenda w'amaraso y'umuntu, Mana, we Mana y'agakiza kanje. Niho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwaweZaburi 51 :1-14

Imana Iharira abigaye

N'aho ahanini uru rwandiko atari urw guhamagarira abantu kwihana biragaragara yuko imbanyi nyishi bene izo zisamwa mu nzira zidatomoye. Gusama s'ikinntu baba bategekanije, umuntu yovyita mu mvugo y'abarundi « impanuka ». Bazita ngo inda zitipfuzwa !

Ku bakiri mu bugingo haracariho icizere kuko Imana Ibabarira abigaye bose. Kubafata ingingo haracariho uburyo bwoguhindura ibintu kugira abavyeyi bibungenze boroherwe. Igihe cose bakoze indekabagende canke banebwe ntibabafashe n'ingoga n'abo baba bagize uruhara muri ako kaga.

Umuntu wese yahamagariwe kuba umukozi w'Imana, afise umuhamagaro yahawe kuba intumwa.

 « N'uko nimwinginge nyen'ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe...

N'uko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa mubabatiza mw'Izina rya Data wa twesen'iry'Umwana n'iya Mpwemu yera. Mubigishe kwitondera...» Matayo 9 :38, 28 :19-20

Iyo abakozi b'Imana batevye Satani we aca yihara icara akarigita abantu batarihana!

Itegeko rirekura gukorora inda

Amashirahamwe atari make ntahisha ko yipfuza ko iryo tegeko ryobaho mbere batanga akarorero ku bihugu vyashitse kuri iyo ntambwe akemeza yuko impfu z'abana n'abavyeyi vyagabanutse. Abakristo ntibaja na rwo kuko bosanga bakwegakwegewe mu nzira z'ubwicanyi bibwirwa ngo bariko bakoresha uburyo bwiza bwo kuvyara ku rugero.

« Mwana wanje, abanyavyaha ni bakwosha ntukemere. Nibakubwira bati ngwino ujane natwe, turyamire kwica, dutegere mu mpisho utagira igicumuro, ata nyanduruko ; tubayongobeze nk'ikuzimu bakibona, ar'imirava, nk'abamanuka baja muri rwa rwobo... Mwanaje ntuze ugendane nabo mu nzira, ubuze ikirenge cawe inzira yabo Kukw'ibirenge vyabo vyihutira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso.  » Imigani 1 :10-16

Iratwa rw'ubwicanyi

Umupfasoni Vitraulle yanditse agira ati : « Afrika y'epfo n'igihugu muri bike ryashizeho itegeko rirekura gukurora inda aho hari 1997, akunguko kari mu kurekurira abantu gukorora ku bushake bw'umwe umwe wese katanguye kwibonekeza. Muri Afrika : Impfu z'ababavyeyi bapfa bariko baribaruka zaragabanutse gushika ku rugero rwa 50%. »

ku vy'ukuri igikenewe n'uko abavyeyi co kimwe n'abana b'inzoya. N'umugambi wa Satani urarikira abantu gukorora inda ku bushake bwabo ; kanatsinda ubatandukanya n'Imana mu kubakoresha ico yababujije

Ehe Ijambo ry'Imana rivuga ngo: « Mbega none notuma baramukwa, sintume bavyara Nobabohera mw'inda ? Nikw'Imana yawe ibaza.» Yesaya 66:9.

Aho kwihutira kugira amategeko arekurira bantu gukorora inda ku bugombe leta za Afrika zari zikwiriye kugwiza uburyo bwo gukwirikirana abavyeyi n'abana imbere n'inyuma yo kwibaruka/kuvuka. Amafaranga akoreshwa mu kugura ibirwanisho n'amasase yoshobora gukingira abantu (abavyeyi n'inzoya) imiliyoni zitanu bapfa kira mwaka.  « Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa. , N'abagenda bacitse intege bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara!» Imigani 24 :11

Ufise amatwi yo kwumva niyumve !


- /-

Ico kwitondera:

muri kano kanya itariki 30.12.2020 inama nkenguzamateka yo mu gihugu ca Argentine giheje kwemeza itegeko rirekurira abagore n'inkumi gukorara inda itarerenza indwi 14 isamwe n'ukuvuga gushika hafi amezi ane. Iyo ngingo yatowe ku majwi 38 kuri 29 yakiranywe n'abo biraba akanyamuneza kenshi. Biravurwa yuko habaye imyiyerekano y'abatishimiye iyo ngingo


Aucun commentaire: