Muvukanyi, nawe makunzi, Ndonse akanya keza ko kubipfuriza ko uno mwaka ko womererwa neza muri vyose mu mpande zose co kimwe n' imishaha yanyu . Ndakwipfurije ko wotera uja imbere ukama ivyamwa kandi ivyamwa birama kugira ngo ico uzosaba Uhoraho aze akibahe. « Mut'Uhoraho aguhe umugisha, akuzigame; Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe, akugirire neza; Uhoraho akurabe neza, aguhe amahoro.» Guharura 6 :24-26 Uhoraho Imana yawe yipfuje kuguhezagira imbere n'uko urinze kugusaba uruhusha. Mbega umutima wawe uravyiteguriye? Muvy'ukuri, ikibuza yuko umugisha wawe ugushikira ni wewe. Woba umaze kuvyiyumvira ko, N'iki wokwita ikiruta ibinndi? Urukundo ruruta ukwemera, ruruta ukwizera. Icete ca mbere c'ab'i Korinto 13 :13 «Mugabo, muze mugire umwete cane wo kwitondera ivyagezwe n'amabwirizwa, ivyo Mose umusavyi w'Uhoraho yabageze, ati mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira zayo zose, mwitondere ivyagezwe vyayo, mwifatanye nayo akaramata, muyisabe muyiherejekw'imitima yanyu yose n'ubugingo bwose. » Yosuwa 22 :5 Urukundo n'uganira n'Imana, rushirwa mu ngira n'ukwubaha kwa misi yose( Zaburi 18 :2) « Uhoraho yanyiyeretse kera, ati n'ukuri : Naragukunze urukundo rudashira; nico gituma nkwiyegerezanya imbabazi. » Yeremiya 31 :3 Ikiruta ibindi Ibihe tugezemwo n'ibidasanzwe. Nta na rimwe abantu bashoboya guhanahana amakuru vyihuse nk'uko biri ubu. Abantu bakwikirikira abanyabwenge, abanyapolitike, abakora utugenegene, abigisha Ijambo ry'Imana iyo bajana n'ibihe bagakoresha ubuhinga bugezweko . Mu yandi majambo,abantu barindira ibibaryohera bo ubwabo kugira bagaragaze ko babikeneye. S'ibijanye n'indege z'abakuru b'ibihugu, ivy'ugutembagaza ubutegetsi, Krya canke gutanga ibiturire, gusesagura ubutunnzi bwa leta, canke ibindi vyago bijanye n'umutekano muke, inzara n'ibindi nk'ivyo ...ari ibiraje ishinga abakristo kurusha ibindi. Kwihoza ibi bintu kwoba ari ukwiyobagiza ivyo dutegerezwa. Ijambo ry'Imana ritubwira riti: « Mbeg'ugucereza ni kwo mucisha izibereye?Yemwe bana b'abantu, mbega muca imanza zigororotse?» Zaburi 58 :1 Igikorwa c'umukozi w'Imana s'ako gutanga amategeko ku buryo abajejwe kurongora igihugu n'intara bategerezwa gukora. Akazi k'umukozi w'Imana n'ako kwigisha Ubutumwa bwiza; Jésus la résume en ces termes: «mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.» Matayo 28 :19-20 Ehe inkuru nziza y'ibihe vyose (itazohinduka) ni iyi : « …nzogaruka kubajana i wanje, ngw'aho ndi namwe abe ari ho muba. » Yohana 14 :3 Ngaha duhawe ihitamwo hagati: « kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw'ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumaramare n'ibiteterwa bitazoshira. » Daniyeli 12 :2 Inkuru nziza nyamukuru ni iyo kumenya ko abari muri Kristo Yesu ata rubanza ruzomutsinda (Abaroma 8 :1). Inkuru nziza yindi n'uko tumenya ibi: «Ntimuzi yukw'abagabitanya batazoragwa ubwami bw'Imana? Ntimuzimire: Abashakanyi, cank'abasenga ibigirwamana, cank'abasambanyi, cank'abagabo bendana, cank'ibisuma, canke abipfuza, cank'imborerwa, cank'abatukana, cank'abanyazi, ntibazoragwa ubwami bw'Imana.“ Ab' i Korinto 6 :9 -10 „Ariko ibijora, n' abatizera, n' m abakora ibizira, abicanyi, abarozi, abasenga ibigirwamana n' abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n'amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.“ Ivyahishuriwe Yohana 21:8 Nta n'umwe azokwishirira uwundi « uncumuyeko wese ni we nzosibaganya mu gitabo canje ... yamara ku musi wo guhora, nzobasubiriza mu nkoko ico caha cabo. » Kuvayo 32 :33b-34 Hari abantu benshi baruhishijwe n ingaruka z'ivyaha vyakorewe canke biriko birakorerwa mu Burundi. Ibihano ntibiraza kubera Imana ubwayo ni yo Izohana abakoze amakosa, ntizohana abataco bagirizwa. Umuntu wese azobazwa ivyiwe ku giti ciwe. Uhoraho ahamagarira umuntu wese kwihana. " …uyu munsi ntanze ijuru n'isi kw'ivyabona bizobagiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n'urupfu, umugisha n'umuvumo; n'uko nimuhitemwo ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n'uruvyaro rwanyu…"Gusubiramwo ivyagezwe 30:19 Birashoboka ko woba waragiye kure y'Imana mwakuyu ukumva umengo uraboshwe: Imana yakuremye ntiyigeze ihinduka kandi ntizokwigera Ihinduka na rimwe. Icashikiye ab'Isirayeli mu gihe ca ba Nehemiya nico kizoshika n'ubu kubazokora nk'uko bakoze. "Nico catumye abagabura mu maboko y'abansi babo babashira mu vyago. Maze babonye bari mu vyago ngo bagutakambire ukabumva uri mw'ijuru, ukarungika ababatabara, bakabakura mu maboko y'abansi babo kubw'imbabazi zawe nyinshi." Nehemiya 9:27 Ntimukiyobagize yuko: " Ingero y'icaha n'urupfu; arikw'ingabire y'Imana n'ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu." Abaroma 6:23 Immanueli, Imana Iri kumwe natwe: Emmanuel, Dieu avec nous (Ikwaya Impuhwe Rwanda) http://www.youtube.com/watch?v=7HNYxX8fpQ0&NR=1
|
Cher frère, chère sœur, cher lecteur, Quelle belle occasion de te souhaiter que dès cette année tu prospères à tous égards comme prospère l’état de ton âme. Je souhaite que tu ailles et portes du fruit et que ton fruit demeure afin que tout ce que tu demanderas de la part de l'Eternel et qu'Il te le donne . « Que l'Eternel te bénisse , et qu'il te garde ! Que l'Eternel fasse luire sa face sur toi, et qu'il t'accorde sa grâce ! Que l'Eternel tourne sa face vers toi, et qu'il te donne la paix! » Nombres 6 :24-26 L’Eternel Ton Dieu a souhaité que tu sois béni avant même que tu ne naisses. Voici, Il a offert de te bénir sans condition. Es-tu d’un cœur disposé ? En réalité, le seul obstacle à ta bénédiction c’est bien toi. A propos as-tu déjà réfléchi à l’essentiel ? L’amour est plus grand que la foi, plus grand que l’espérance 1 Corinth.13 :13
«Ayez soin seulement d'observer et de mettre en pratique les ordonnances et les lois que vous a prescrites moïse, serviteur de l'Eternel : Aimez l'Eternel, votre Dieu, marchez dans toutes ses voies, gardez ses commandements, attachez -vous à lui, et servez -le de tout votre coeur et de toute votre âme. » Josué 22 :5
L’amour est la communion avec Dieu, mise en œuvre dans une obéissance journalière (Psaume 18 :2) « De loin l’Eternel se montre à toi (moi et dit) : Je t’aime d’un amour éternel; c’est pourquoi je te conserve ma bonté. » Jérémie 31 :3
L'essentiel
Nous vivons une époque particulière, jamais auparavant l’information n’a circulé comme c’est le cas aujourd’hui. Les scientifiques, les politiciens, les artistes et les religieux intéressent le public lorsqu’ils marchent avec les thèmes du moment. En d’autres termes, ce n’est que lorsqu’ils les grattent là où lis se démangent qu’ils trouvent de l’auditoire. Ni les affaires des avions présidentiels, des putschs réussis ou manqués, de corruption ou de mauvaise gestion de la chose publique, les drames liés à l’ insécurité , la famine etc.…ne sont pas l’essentiel pour nous les chrétiens.
Que tous ces thèmes passent sous silence ce serait un manquement de notre part. La Parole de Dieu nous dit ceci: « Est-ce en vous taisant que vous me rendez la justice ? Est-ce ainsi que vous jugez avec droiture, fils de l’homme ? » Psaume 58 :1 Le devoir d’un serviteur de Dieu n’est pas de donner des ordres sur la façon dont les autorités doivent diriger le pays. Son devoir n’est ni de ramer dans le sens ou le contre - sens des autorités en place. Le serviteur de Dieu consiste à annoncer la bonne nouvelle; Jésus la résume en ces termes: « Enseignez leur tout ce que je vous ai prescrit.» Matthieu 28 :19-20 Justement voici la bonne nouvelle de tous les temps : « …Je reviendrai , je vous prendrai avec moi… afin que loù je suis, vous y soyez aussi. » Jean 14 :3 Le même message, présenté sous une autre forme, nous fait choisir entre deux situations : « Plusieurs de ceux qui dorment dans la poussière de la terre se réveilleront, les uns pour la vie éternelle, et les autres pour l’opprobre, pour la honte éternelle. » Daniel 12 :3 La bonne nouvelle de tous les temps c’est celle de savoir qu’il n’y a pas de condamnation pour ceux qui sont en Jésus-Christ (Romains 8 :1). La bonne nouvelle c’est aussi celle qui nous permet de nous situer : «Ne savez-vous pas que les injustes n'hériteront point le royaume de Dieu ? Ne vous y trompez pas : ni les impudiques, ni les idolâtres, ni les adultères, ni les efféminés, ni les infâmes, ni les voleurs, ni les cupides, ni les ivrognes, ni les outrageux, ni les ravisseurs, n'hériteront le royaume de Dieu.»1 Corinthiens 6 :9 La part des des lâches, des incrédules, des meurtriers, des magiciens, des idolâtres et des abominables ne se trouve pas au Ciel mais dans un étang ardent de feu et de soufre. Apocal.21:8 Nul ne répondra à la place de l’autre «C’est celui qui a péché contre moi que j’effacerai de mon livre…. Mais au jour de ma vengeance, je les punirai de leur péché. » Exode 32 :33b-34 De nombreuses personnes souffrent actuellement des conséquences des péchés qui ont et/ ou qui sont en train de se commettre au Burundi. Ceci n’est pas encore la punition puisque Dieu Lui-même dit qu’Il ne punira pas les justes à la place des coupables. Ceci signifie en réalité que chacun comparaîtra à titre personnel devant Dieu. L‘Eternel t’appelle nommément à la repentance. Il nous propose un choix salutaire: " …j’ai
mis devant toi la vie et la mort…choisis la vie afin que tu
vives, toi et ta postérité…"
Deutéronome 30:19 Ne l’oubliez pas: " car le salaire du péché, c’est la mort; mais le don gratuit de Dieu, c’est la vie éternelle en Jésus christ notre Seigneur." Romains 6:23 Immanueli, Imana Iri kumwe natwe: Emmanuel, Dieu avec nous (Chorale Impuhwe Rwanda) http://www.youtube.com/watch?v=7HNYxX8fpQ0&NR=1
|
Notre but de est la réconciliation avec Dieu en Jésus - Christ. "Jésus- Christ est le chemin, la vérité et la vie...Celui qui m'a vu a vu le Père... Jn 14,6-9 //Tous Dimanches entre nous avons notre culte en Kirundi sur zoom de 13:45 - 14:45 Heures d'Europe// 14:45 - 15:45 zo mu Burundi dufise amiga ku murongo wa zoom Zoom-Meeting-ID: 585 893 8472 Code: Ejv0w1 https://us06web.zoom.us/j/5858938472?pwd=ZlJqOHdheUh5bWFaRG9BOVRMNW1JZz09
Aimez l'Eternel, attachez-vous à Lui. - Nimukunde Uhoraho, mwifatanye nawe
Inscription à :
Publier les commentaires (Atom)
-
Dans une petite semaine nous nous souviendrons du jour de la résurrection de Notre Seigneur Jésus- Christ. C'est un avènement qui a e...
-
Chers bien aimés, en cette période où nous nous apprêtons à célébrer la naissance de Notre Seigneur Jésus-Christ dans la chair, il me plaît...
-
Il n'est pas facile de parler de la repentance. On peut bien le comprendre d'autant plus qu'un pareil message suscite v...
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire