Ivy'ukugaruka kwa Yesu Kristo igice c'umunani - Le retour de Jésus - Christ - huitième partie

 



Ncuti mukunzi, mwene Data,

menya ibihe tugezemwo

„Kandi uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y'Umwana w'umuntu:  bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato, umwuzure ukaza ukabahonya bose.  No mu misi ya Loti vyabaye bityo: bararya, baranywa, baradandaza, baragura, baratera, barubaka.  Maze umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n'ibizuku biratibuka bivuye mw'ijuru, birabahonya bose.“ Luka 17:26-29

„Ariko umenye yuko mu misi y'iherezo hazoza ibihe bigoye.  Kuko abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birarira, bibona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivyo Imana,  badakunda n'ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,  abaguranyi, ibirandamuke, abivyimvya, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.  Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo. Abameze batyo wame ubatera ibitugu.  Kuko muri bo harimwo abagabo banyegetera mu mazu, bagatwara abagore batagira imitima, baremerewe n'ivyaha, batwarwa n'ukwifuza kw'uburyo bwinshi,  bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri.“  Timoteyo Ya Kabiri 3:1-7

Ibihe turimwo ni bihe bigoye cane

      • Abantu bihakana Imana nk'ikinyoma ca théorie de l'évolution cemewe hose nta n'umwe yubahuka kukivuguruza.

      • Abantu bageze aho bihindura uko baremwe bakigira ukundi.

      • Abantu ntibatinya kwihekura no gukorora amada

      • Bimitse ubuhumbu n'ubushegabo kuburyo burenze ivyiyumviro vy'abantu

      • Ibinyoma n'ubusuma vyiganziye isi

      • Bubaha abantu kurusha uko bubaha Imana

      • Abantu bakunda ivyubahiro n'amazina y'ivy'ubahiro.

      • Bakunda ivyubahiro kurusha Imana

      • Bahanura ivyo ivyo Imana Itabatumye

Turakwiye kwibuka rya jambo.

Ingero y'icaha n'urupfu ariko ingabire y'Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.“Abaroma 6:23

Hari inkuru ivurwa cane ijanye n'ikurwaho n'amahera. Mvuze iyi nkuru isa n'iyishaje turavye aho yatanguriye kuvurwa. Noneho muminsi ya vuba ivyo rero ngo bigiye kuba.

Turazi yuko tu'ab'Imana, kandi isi yose iri muri wa Mubi.“ 1 Yohana 5,19

Ijambo ry'Imana ritubwira ko:

Ku gihe ca Nowa co kimwe no ku gihe ca Loti abantu bararya, baranywa, barashingira, barubaka...umwuzure uraza ubahonya bose. Ngo maze umunsi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n'ibizuku biratibuka bivuye mw'ijuru, birabahonya bose.

N'ubu niko bizogenda, abantu bazoba barya, banywa, bubaka, biruka n'ubuzima. "... Ni ko bizoba, umunsi umwana w'umuntu azoserukirako." Luka 17, 26-30

Hariho abatazoba barimwo, abo n'abo batazoba baremeye ca kimenyetso ca ca gikoko ( Ivyahishuriwe Yohana 13, 16-18). Abo ni babandi banditswe mu gitabo c'ubugingo.

Aho buca bakuriraho amahera y'inoti n'ibiceri hazoba hariho ubundi buryo buzotuma abantu bashobora kugira ico bagura canke bagurisha.

Nta bundi buryo atari ico kimenyetso ca ca gikoko kizotuma bikunda. Ngo kizoza ku buyo bw'amayoberane ( 2 Tesalonika2,11) ivyo navyo bisigura yuko kitazoza cigaragaza nk'uko benshi biyumvira canke babisiguriwe.

Raba neza ntuze ubwirwe ngo " udafashe aka kantu ntuzogura, ntuzogurisha, ntuzo..., ntuzo..." ngo uyoberwe ko ya nkuru twahishurirwa.

" Kigera ko bose, aboroshe, abahambaye, abatunzi, aboro, abidegemvya n'abakozi, bashirwako ikimenyetso ku kiganza c'i buryo canke mu ruhanga. Kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ico agura canke ico ashora, atari uwufise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikoko canke igitigiri c'izina ryaryo. " Ivyahishuriwe Yohana 13, 16-17

Mwirinde kujana nyabahururu, ntihagire mwemera mutagisuzumye ngo mukimenye neza. Mwirinde kwigana ingendo, ibimenyotse n'indamukanyo mutazi. Ku woba abizi akabibandanya nomuhanura kwigarura bigishoboka.###







Cher bien aimé, 

"sache que les temps sont difficiles. Ce qui arriva du temps de Noé arrivera de même aux jours du Fils de l'homme. Les hommes mangeaient, buvaient, se mariaient et mariaient leurs enfants, jusqu'au jour où Noé entra dans l'arche; le déluge vint, et les fit tous périr. Ce qui arriva du temps de Lot arrivera pareillement. Les hommes mangeaient, buvaient, achetaient, vendaient, plantaient, bâtissaient;  mais le jour où Lot sortit de Sodome, une pluie de feu et de souffre tomba du ciel, et les fit tous périr. Il en sera de même le jour où le Fils de l'homme paraîtra.“ Luc 17,26-30

"Sache que, dans les derniers jours, il y aura des temps difficiles. Car les hommes seront égoïstes, amis de l'argent, fanfarons, hautains, blasphémateurs, rebelles à leurs parents, ingrats, irréligieux, insensibles, déloyaux, calomniateurs, intempérants, cruels, ennemis des gens de bien, traîtres, emportés, enflés d'orgueil, aimant le plaisir plus que Dieu, ayant l'apparence de la piété, mais reniant ce qui en fait la force. Éloigne-toi de ces hommes-là.  Il en est parmi eux qui s'introduisent dans les maisons, et qui captivent des femmes d'un esprit faible et borné, chargées de péchés, agitées par des passions de toute espèce,  apprenant toujours et ne pouvant jamais arriver à la connaissance de la vérité.“2Timothée 3,1-7

Nous vivons des temps difficiles

-  Les hommes ont renié Dieu. L'exemple de la théorie de l'évolution en l'une des illustrations les plus frappantes. Personne n'ose le dénoncer publiquement quoi que de nombreuses personnes n'y croient pas.

- Les hommes sont arrivés à ne plus se satisfaire de sa nature et son genre au point de vouloir la/ ou les changer.

- Il n'y a plus de craintes de se priver de progénitures.

- Le degré d'impudicité prend des proportions de plus en plus demesurées, inimaginables.

- Le mensonge et le vol dominent le monde.

- Ils obéissent les hommes plus que Dieu.

- Les hommes aiment les titres et les honneurs.

- Ils aiment aiment les honneurs plus que Dieu.

- Ils prophétisent ce que Dieu ne leur a pas demandé.

Nous devons retenir ceci:

Car le salaire du péché, c'est la mort; mais le don gratuit de Dieu, c'est la vie éternelle en Jésus Christ notre Seigneur. “Romains 6:23

Il y a une nouvelle qui est d'actualité c'est la suppression de la monaie. Cette nouvelle ne date pas d'hier. Dans un futur proche la monaie sera supprimée au niveau du monde entier.

Nous savons que nous sommes de Dieu, et que le monde entier est sous la puissance du malin .“ 1 Jean 5,19

La Parole de Dieu nous dit ceci:

Demain quand il n'y aura plus de monaie, une solution sera trouvée pour pouvoir permettre à ceux qui rempliront les conditions de pouvoir acheter, vendre etc... Ceux-ci auront accepté de prendre le signe. Leurs noms ne figurent pas dans le livre de vie.

Il y aura des personnes qui ne feront pas partie de ceux-là ( Apocalypse 13, 16-18). C'est à dire qui ne pourront ni manger, ni vendre, ni acheter etc... Ce sont ceux qui sont inscrits dans le livre de vie.

 „L'apparition de cet impie se fera, par la puissance de Satan, avec toutes sortes de miracles, de signes et de prodiges mensongers, et avec toutes les séductions de l'iniquité pour ceux qui périssent parce qu'ils n'ont pas reçu l'amour de la vérité pour être sauvés. Aussi Dieu leur envoie une puissance d'égarement, pour qu'ils croient au mensonge,“ 2 Thessaloniciens 2,9-11

Fais attention pour que l'on ne te dise pas " si tu, si tu ne prends pas ceci ... Tu n'acheteras ni ne vendras, tu ne pourras pas .., tu ne pourras pas..."

" Et elle fit que tous, petits et grands, riches et pauvres, libres et esclaves, reçussent une marque sur leur main droite ou sur leur front,et que personne ne pût acheter ni vendre, sans avoir la marque, le nom de la bête ou le nombre de son nom." Apocalypse 13, 16-17

Que personne ne vous séduise par des avances qui ne sont pas rationnellement convaincantes. Que personne d'entre vous ne s'engage sur une voie sans issue ou adopte des gestes inconus.

Lecture recommandée: Apocalypse 13,1-18###


Aucun commentaire: