Intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine - Ijambo ry 'Amahoro no gusubiza hamwe
Bakunzi banje, kuva intambara iriko irabica bigacika hagati y'Uburusiya na Ukraine ishengero risa n'iryisinziriye. Ubuhanuzi hirya no hino buracanacako duhabwa n'abakozi b'Imana basanzwe bamenyekana buvuga iyo ibintu bihinda bija. Nta kabi kabwo ko butwereka inzira iyo kugaruka kwa Yesu Kristo kuzozanana. Turabukeneye mu vy'ukuri. Twasanze ari nkenerwa ko „Ijambo ry'Amahoro no Gusubiza hamwe“ rigira ico rishikirije ku bijanye n'iyi ntambara kugira umwe wese amenye ingene akwiye kwitwara no ko kuraba ibintu nk'umwana w'Imana yizera Yesu Kristo. Muhezagirwe muri Yesu Kristo Uwanyu Hilaire Nininahazwe Kuri twebwe twizera, birakwiye ko tumenya ko tutarekuriwe kwivanga mu matati na cane cane ko tutoja muvyo gusesa amaraso, mu kubesha canke mu gukwiza ibihuha mvuze bike muri vyo. Aho twokwirinda cane amajambo atabereye hamwe n'ibitutsi. Iki gihugu mbamwo mfise ubwenegihugu bwaco. Carafashe ingingo yo gufasha impunzi n'indushi ziriko zihunga amagume yo muri Ukraine. Iki guhugu hamwe n'ibindi vya Buraya, Amerika , Kanada n'Ubuturuki bigize umuryango wa OTANvyaregeranije amahera yogushigikira Ukraine gitako kirungika ibirwanisho birimwo ibiduga vy'intambara, ibikoho birasa ibisasu bininiya hamwe n'ibirwanisho bindi birwanisho. Mbega akamaro k'ibiduguga vy'intambara, ibikoho birasa ibisasu, insoro bikora iki? Twebwe ntiturekuriwe na gatoya kugira uruhara mu gutanga ivyo bintu (ibirwanisho) tuzi ko ari ivyo kwica abantu no gusambura ivyabo. Ibirwanisho vyacu n ibirwanisho vy'amahoro, ibirwanisho vyo mu Mpwemu. „Buno Yesu aramubarira ati: „ Subiza inkota yawe ahayo kuko ababanguye inkota bose bazokwicwa n'inkota.“„ Matayo 26,52 Ibirwanisho vyacu bikuru bigizwe n'urukundo, ukuri na cane cane ukwizera Imana twamenye biciye kuri ku Yesu Kristo, Umwami n'umukiza wacu. Twokwiyumvira iki nk'abakristo? Yesu Kristu abwira umwe wese muri twebwe ati „ nkurikira....“ ariko Yesu aramubarira ati:Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda, wamamaze ivyo Ubwami bw'Imana.“ Luka 9,59-60 na Matayo 8,22 Iki nico gikorwa Umwami wacu Yesu Kristo yadushinze. Nico conyene gikwiye kuturaza ishinga hose na hose. „ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera niyabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya hose, i Samariya no gushitsa ku mpera y'isi.“ Ivyakozwe n'intumwa 1,8 Umwanya usigaye ni muto kugira dukore ico gikorwa. Hano mu Burayi hiyongeye ku bantu bari basanzwe bahaba batagira ukwizera, impunzi z'abanya Ukraine. Bose bakeneye kwumva ubutumwa Bwiza bwa Yesu Kristo. Tuvuze impunzi nyene, twese dutegerezwa kubereka ko tubakiranye urukundo.„ Muhane indaro mutidodomba. Nk'uko umuntu wese yagabiwe ingabire muzifashishe abandi, nk'uko bibereye ababwiriza beza b'ubuntu bw'Imana bw'uburyo bwinshi, „ 1 Petero 4,9-10 Impunzi z'abanya Ukraine zazananye n'abantu bava mu bindi bihugu nabo nyene bahunze umudugararo. Aha novuga abahindi, abanya Afrika n'abandi. Nabo nyene bakwiriye gufatwa nk'abandi banyamahanga baje iwacu. « Umunyamahanga niyaza mugihugu canyu, akabana namwe, ntimuzomugirire nani.Umunyamahanga mubana muzomugirire nk'imvukira; mumukunde nkuko mwikunda, kuko namwe mwari abanyamahanga mugihugu ca Egiputa , ni jewe Uhoraho Imana yanyu„ Abalewi19 33-34 Gufata canke kuvuga nabi kavamahanga canke impunzi n'icaha Umwami wacu YesuKristo yavuze ko azohana yihanukiriye mu mpera z'ibihe „Nari ingenzi ntiwampa indaro ...„ Matthieu 25,43-44 Ijambo ry'Imana riduhamagarira gutabara abariko barababazwa, abashorewe bagiye kwicwa. „ Urokore abo bashorewe bajanwa kwicwa,; n'abagenda bacitse intege; bajanwa gutikizwa, ntubure kubatabara. Ni wavuga uti:" Erega ntitwari tubizi! Mbega uwugera imitima kumunzane,. ntavyiyumvira? Kandi uwuzigama ubugingo bwawe ntabizi?Mbega ntazokwishura umuntu wese ibikwiranye nivyo yakoze .“ Imigani 24,11-12 No bihe vy'uruhagarara twamana imyitwarariko myinshi. Ikintu gikuru muri vyose dukwiriye kwitwararika ijoro n'umutaga ni iki: „Ariko mubanze mwitwararike Ubwami bw'Imana n'ukugororoka kwayo, niho ivyo vyose muzovyongerrwa.“ Matayo 6,33 „Hahiriwe abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c'ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa .„ Ivyahishuriwe Yohana 22,14 ./. Kaze mwibonere amasanamu ya kino gikorwa yo mu myaka 2008 -2010 http://burundi-images08.blogspot.com/ |
Chers bien aimés, au moment où la guerre fait rage entre la Russie et l'Ukraine, l'Église donne l'impression d'avoir la bouche cousue. Nous suivons de gauche à droite des messages eschatologiques qui nous sont gracieusement donnés par des serviteurs de Dieu de notoriété indiscutable. C'est une bonne chose de leur part puisque ils nous indiquent le tracé de notre route vers le retour du Christ. Nous avons besoin de la révélation de Dieu pour cela. Nous trouvons utile qu'il est urgent d'exprimer notre point de vue au sein de Parole de Paix par rapport aux évènements en cours. Chacun doit savoir quel comportement adopter pendant des moments comme ceux-ci. Que le Seigneur Jésus-Christ vous bénisse Votre Hilaire Nininahazwe Il est important, pour nous qui croyons en Jésus-Christ, de nous abstenir de nous mêler au conflit dans le sens de commettre le meurtre, mentir (colporter des rumeurs) pour ne dire que ceci. Il est de notre devoir de nous distancer des paroles méchantes ou insultantes. L'Occident dont je suis citoyen a choisi d'aider les réfugiés et les affligés et les victimes des violences Ukrainiennes. Ce même Occident et tous ces alliés de l'OTAN essentiellement ont voté un budget de soutien à l'Ukraine et ont y envoyé des armes de toutes sortes. A quoi servent les chars blindés, les missiles, les armes et les munitions? Nous n'avons aucun droit de spéculer sur ce sujet, nos armes ne peuvent qu'être les armes pacifiques et spirituelles. „Alors Jésus lui dit: Remets ton épée à sa place; car tous ceux qui prendront l'épée périront par l'épée. „ Matthieu 26,52 Nos principales armes sont l'amour du prochain, la vérité et naturellement notre foi en Dieu que nous avons connu en Jésus-Christ notre Seigneur et Sauveur. Que doit-on retenir en tant que chrétiens? Jésus-Christ dit à chacun de nous tous suis-moi ..“mais Jésus lui dit : Laisse les morts enterrer ensevelir leurs morts, et toi, va annoncer le royaume de Dieu.“ Luc 9,59-60 lire Matthieu 8,22 Ceci est le devoir principal que le Seigneur Jésus-Christ nous a confié. C'est cela qui doit être notre préoccupation. Nous sommes appelés à le faire partout . „Mais vous recevrez une puissance, le Saint-Esprit survenant sur vous, et vous serez mes témoins à Jérusalem, dans toute la Judée, dans la Samarie, et jusqu'aux extrémités de la terre.“ Apostelgeschichte 1,8 Il nous reste peu de temps pour le faire. En Europe, en plus de nos concitoyens ordinaires nous avons parmi nous des réfugiés ukraininens qui ont également besoin d'entendre les nouvelles du royaume de Jésus-Christ. Justement vis à vis des réfugiés nous sommes appelés à montrer notre bonne volonté de les recevoir et de les accueillir. „ Exercez l'hospitalité les uns envers les autres, sans murmures. Comme de bons dispensateurs des diverses grâces de Dieu, que chacun de vous mette au service des autres le don qu'il a reçu, „ 1 Pierre 4,9-10 Nous avons sur notre territoire des réfugiés Ukrainiens, ils sont venus avec des ressortissants d'autres pays qui ont fuit également les hostilités. Je pense aux indiens, aux africains et autres... Pour eux aussi il faut leur accorder une attention digne aux étrangers qui viennent chez nous. « Quand un étranger viendra s’installer chez vous, dans votre pays, ne profitez pas de lui. Au contraire, vous agirez avec lui comme avec quelqu’un de votre peuple. Vous devez l’aimer comme vous-mêmes. En effet, vous aussi, vous avez été des étrangers en Égypte. Le Seigneur votre Dieu, c’est moi. „ Lévitique 19 33-34 Maltraiter ou dire du mal des exilés, des réfugiés est un péché que Jésus Lui-même prédit de sanctionner severement à la fin des temps. „j'étais étranger, et vous ne m'avez pas recueilli; j'étais nu, et vous ne m'avez pas vêtu; j'étais malade et en prison, et vous ne m'avez pas visité. Ils répondront aussi: Seigneur, quand t'avons-nous vu ayant faim, ou ayant soif, ou étranger, ou nu, ou malade, ou en prison, et ne t'avons-nous pas assisté?… „ Matthieu 25,43-44 La Parole de Dieu nous recommande vivement de sauver ceux qui souffrent, ceux qu'on traîne à la mort, ceux qu'on va tuer. „Délivre
ceux qu'on traîne à la mort, Ceux qu'on va égorger,
sauve-les! Nos méninges sont submergées par de nombreuses préoccupations même pendant des moments de crises comme ceux-ci. La seule urgence qui vaut la peine et qui doit nous préoccuper nuit et jour c'est ceci: „Cherchez premièrement le royaume et la justice de Dieu; et toutes ces choses vous seront données par-dessus.“ Matthieu 6,33 „Heureux ceux qui lavent leurs robes, afin d'avoir droit à l'arbre de vie, et d'entrer par les portes dans la ville! „ Apocalypse 22,14
|
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire