Bakunzi banje, Umwami wacu Yesu Kristo amaze kutubwira yuko hano mw'isi tuzohagirira ingorane. Turabire hamwe ico Yesu Kristo atubwira muri Yohana 16 „Bazobaca mu masinagogi (masengero), kandi igihe kigiye kuza, uzobica wese azogira ngw'agiriye Imana ikimazi.“ Yohana 16,2-3 Ubu turi mu bintu bisa n'ibihuye n'aya majambo. Kubera iki kiza c'indwara itera guhema nabi bitiriye uyu mugera wiyubura kenshi cane ndetse ugaca uhindura izina bigatuma abantu bawibaza ko vyinshi. Nimurabe namwe indyane n'umwikomo uterwa n'ico kiza abantu bibaza ngo bariko bararwanya Ni bangahe bamaze gukubitwa, abizera n'abatizera, bahorwa iyi ndwara? Mbega ntabapfunzwe? Nama nitegereza ishavu n'umushiha iyi ndwara yaje yitwaje birandenga. Ahubwo nibaza yuko hariho ibitero vy'abadayimoni. Yesu aradukebura mur'aya majambo ivyo navyo bikatwibutsa ko hari ibiri hafi gushika. Abandanya avuga ati „Ico mbabaririye ivyo, n'ukugira cavyo nicashika, muze muvyibuke ko naje nabibabwiye. Uuhereye ubwa mbere sinari bwababwire, kuko nari nkiri kumwe namwe.“ Yohana 1,4 Yasize atwemereye ko umuhoza. Ntiyatevye kuza, yaje haheze iminsi mirongo itanu kuva Yesu azutse. Ubu ntitukimuhamagara ngw'aze kuko ari muri twebwe. Akamaro kiwe n'ako kutwemeza icaha. Mpwemu Yera yaje kutwemeza ko dusanzwe turi abanyavyaha kugira twizere. Icongeye ko ntiyaje gusa kutwemeza icaha yaje kutumenyesha ko hari imanza n'ubutungane vyategekanijwe. Birumvikana cane yuko utazoba yarizeye atazomenya ukuri( Yesu Kristo n'inzira, n'ukuri n'ubugingo). „ Arik'uwo Mpwemu w'ukuri niyaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw' ivy'azokwumva vyose nivyo, kandi azobamenyesha ibigira bize.“ Yohana 16,13 ./.
|
Chers bien aimés, Jésus- Christ nous donne cette parole d'ecouragement après nous avoir avert que nous aurons à rencontrer des difficultés dans ce monde. Découvrons ensemble ce le Seigneur Jésus-Christ nous apprend dans le chapitre de Jean 16, 2-3. „Ils vous excluront des synagogues; et même l'heure vient où quiconque vous fera mourir croira un culte à Dieu“ Nous avons un parallèle à nos jours. Nous sommes privés d'accès aux synagogues en raison de cette maladie qui change constamment de face et qui pose beaucoup de points d'interrogation. En passant j'attire votre attention sur les conflits inhérants à la gestion de la crise dûe à cette maladie. Combien de personnes y compris des croyants se sont faits tabassé à cause de cette maladie? Le degré de nervosité et colère qui accompagne cette maladie ne me donnent pas du repos; cela me fait penser aux haines et démons qui font légion. Jésus -Christ à travers ces paroles nous fait un clin d'oeil et nous précise bien pourquoi toutes ces choses.C'est en fait dans le but de nous préparer à ce qui va nous arriver bientôt. „Je vous ai dit ces choses, afin que, lorsque l'heure sera venue, vous vous souveniez que je vous les ai dites. Je ne vous en ai pas parlé dès le commencement, parce que j'étais avec vous.“ Jean 16,4 Il nous promet un consolateur allait venir. Il n'a pas tardé à venir. Il est venu cinquante jours après le jour de la résurrection duChrist. Inutile de l'appeler de venir par contre Il est là, parmi nous. Son rôle est de nous convaincre du péché pour que nous croyions. Le Saint-Espritest venu nous convaincre en plus du péché mais également de la Justice et de jugement. Il se comprend très bien que sans cela il sera impossible à celui qui n'a pas cru, il ne connaîtra pas la vérité ( Jésus-Christ est le chemin, la vérité et la vie). „ Quand le consolateur sera venu, l'Esprit de vérité, il vous conduira dans toute la vérité; car il ne parlera pas de lui-même, mais il dira tout ce qu'il aura entendu, et il vous annoncera les choses à venir. „ Jean 16,13 ./.
|
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire