 |
Hilaire Nininahazwe |
|
|
|
Muri kino gihe abantu benshi bama biteze ubutumwa budasanzwe
bama baronswa mu gihe nk'iki.
Uno munsi mukuru twimirije uhuriranye n'iyemezwa
ry'igisagara ca Yerusalemu nk'igisagara c'igihugu ca Israel benshi
bafata nk'igihugu c'isezerano na cane cane abayahudi natwebwe
abizera Kristo ko ar'Umwana w'Imana. Inyuma y'aho umukuru
w'igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika abitangarije habaye
uruhagarara rwinshi murabizi kumbure.
Imana ihezagire Isirayeli.
Inkuru nziza dufise n'uko ibimenyetso bitumenyesha neza yuko
igikorwa Yesu Kristo yatanguye mu gufata ishusho y'umwana w'umuntu
akavuka asa natwe agiye kugisozera mu kuza kutujana kwa Data
wo mw'ijuru.(Yohana 14,3)
Iki n'igihe ciza co kwakira Yesu Kristo nk'Umwami n'umukiza
wacu kubicaye batarabikora. Ijambo ry'Imana riratubwira neza yuko
atarindi zina ryatanzwe kw'isi no mw'ijuru dushobora
gukirizwamwo atari irya Yesu Kristo (Ivyakozwe n'intumwa
4,12).
Ehe ncuti nkunda amajambo ya bibiliya aratomoye; handitswe
ng'uzokwatura n'akanwa kiwe ko izina rya Yesu akanizera yuko
Imana yamuzuye mu bapfuye uyo azorokoka... (Abaroma 10,9-11)
Ico tubera ciza n'uko twokomeza kwitandukanya n'icaha kuko ingero y'icaha ar'uruppfu kandi ngo niturondere
kugiriranira amahoro n'abantu bose n'ubugorotsi (sanctification)
kuko ata n'umwe azobona Umwami atabufise (Abaheburayo 12,14)
Reka twibukanye bakunzi yuko dukwiye gukira indwara y'urwanko,
inzigo n'amacakubiri. Ehe handitse ngo: Imbwa, abarozi,
abasambanyi/ibihumbu, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe
n'ababeshi ntibazokwinjira mu gisagara c'Imana ngo
uwanka mwenewabo wundi n'umwicanyi. (Ivyahishuriwe
intumwa Yohana 22,15, na 1 Yohana 3,15
Ndabipfurije umunsi mukuru mwiza wama utwibutsa ivuka rya Yesu
Kristo nk'umwana w'umuntu mwebwe mwese mukurikirana inzandiko
zitangazwa kuri runo rubuga. Aha mvuga mwebwe mukurikirana
Ibiganiro vya Bohoka dushikirizwa na mwene Data Bucumi Elias hamwe
n'ibiganiro bivuga kubijanye n'ibihe vya nyuma dushikirizwa na
mwene Data Iyakaremye Prosper.
Mboneyeho no kubashimira mwebwe mudushigikira mu buryo butandukanye nongera nipfuruza kaze abashasha mwatanguye kudukurikirana vuba.
Uhoraho abahezagire.( Guharura 6, 24-26)
|
En cette période beaucoup s'attendent à un message
extraordinaire.
Cette fois l'évenement de Noel arrive dans un climat très
spécial après la reconnaissance de la ville de Jérusalem comme
la capitale d'Israel par les États unis d'Amérique. Il y a eu du tumulte, j'imagine que vous l'avez tous remarqué.
Que Dieu
bénisse Israel.
La bonne nouvelle que nous avons c'est que les signes qui ont
été annoncés sur la venue de Jésus-Christ pour accomplir
l'oeuvre qu'il a entammée en naissant en tant qu'humain et parmi
les humains. Ce processus nous emmenera au Ciel chez Dieu le
Père. (Jean 14,3)
C'est ici le moment de recevoir Jésus-Christ comme Notre
Seigneur et Sauveur pour tous ceux qui ne l'ont pas jusque
maintenant. La Parole de Dieu nous dit expressément qu'il n'y a
aucun autre qui a été au Ciel et sur la terre par lequel nous
pouvons être sauvés si ce n'est celui de Jésus-christ. (Actes
4,12)
Chers bien
aimés la Bible est on ne peut plus clair. Elle nous dit ceci: „Si
tu confesses de ta bouche le Seigneur Jésus, et si tu crois dans
ton coeur que Dieu l'a ressuscité des morts, tu seras sauvé. Car
c'est en croyant du coeur qu'on parvient à la justice, et c'est
en confessant de la bouche qu'on parvient au salut, selon ce que
dit l'Écriture.“ Romains 10,9-10
La meilleure chose que nous
puissions faire en ce moment c'est de nous séparer du péché car
nous savons de par les Écritures que le prix du péché est la
mort. Il nous est recommandé de: „Recherchez la paix avec
tous, et la sanctification, sans laquelle personne ne verra le
Seigneur.“ Hébreux 12,14
Il est temps chers bien aimés de
nous séparer de la maladie de la haine, de la rancune, des
divisions de tous ordres. Encore une fois la Bible nous avertit en
ces termes:
“Voici, je viens bientôt, et ma rétribution
est avec moi, pour rendre à chacun selon ce qu'est son oeuvre.
Je suis l'alpha et l'oméga,
le premier et le dernier, le commencement et la fin.
Heureux ceux qui lavent leurs
robes, afin d'avoir droit à l'arbre de vie, et d'entrer par les
portes dans la ville!
Dehors les chiens, les
enchanteurs, les impudiques, les meurtriers, les idolâtres, et
quiconque aime et pratique le mensonge.
Apocalypse22,15
„Quiconque hait son frère
est un meurtrier, et vous savez qu'aucun meurtrier n'a la vie
éternelle demeurant en lui.“ 1 Jean 3,15
Je vous souhaite tous une joyeuse fête du souvenir de la
naissance en tant qu'humain de Notre Seigneur Jésus-Christ. A
vous tous qui nous suivez, soutenez et /priez pour nous, à vous
tous qui suivez les émissions audios que nous diffusons
quotidiennement sur whattsApp que ce soit celles de Bohoka, les
derniers temps et autres :
„ Que l'Éternel vous bénisse, et qu'il vous garde!
Que l'Éternel fasse
luire sa face sur vous, et qu'il vos accorde sa grâce! Que l'Éternel
tourne sa face vers vous et qu'il vous donne la paix!“
Nombres 6,24-26
|
Aucun commentaire:
Enregistrer un commentaire