Ubutumwa bwa Noel - Message de Noel 2017

Hilaire Nininahazwe

Muri kino gihe abantu benshi bama biteze ubutumwa budasanzwe bama baronswa mu gihe nk'iki.

Uno munsi mukuru twimirije uhuriranye n'iyemezwa ry'igisagara ca Yerusalemu nk'igisagara c'igihugu ca Israel benshi bafata nk'igihugu c'isezerano na cane cane abayahudi natwebwe abizera Kristo ko ar'Umwana w'Imana. Inyuma y'aho umukuru w'igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika abitangarije habaye uruhagarara rwinshi murabizi kumbure.

Imana ihezagire Isirayeli.

Inkuru nziza dufise n'uko ibimenyetso bitumenyesha neza yuko igikorwa Yesu Kristo yatanguye mu gufata ishusho y'umwana w'umuntu akavuka asa natwe agiye kugisozera mu kuza kutujana kwa Data wo mw'ijuru.(Yohana 14,3)

Iki n'igihe ciza co kwakira Yesu Kristo nk'Umwami n'umukiza wacu kubicaye batarabikora. Ijambo ry'Imana riratubwira neza yuko atarindi zina ryatanzwe kw'isi no mw'ijuru dushobora gukirizwamwo atari irya Yesu Kristo (Ivyakozwe n'intumwa 4,12).

Ehe ncuti nkunda amajambo ya bibiliya aratomoye; handitswe ng'uzokwatura n'akanwa kiwe ko izina rya Yesu akanizera yuko Imana yamuzuye mu bapfuye uyo azorokoka... (Abaroma 10,9-11)

Ico tubera ciza n'uko twokomeza kwitandukanya n'icaha kuko ingero y'icaha ar'uruppfu kandi ngo niturondere kugiriranira amahoro n'abantu bose n'ubugorotsi (sanctification) kuko ata n'umwe azobona Umwami atabufise (Abaheburayo 12,14)

Reka twibukanye bakunzi yuko dukwiye gukira indwara y'urwanko, inzigo n'amacakubiri. Ehe handitse ngo: Imbwa, abarozi, abasambanyi/ibihumbu, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n'ababeshi ntibazokwinjira mu gisagara c'Imana ngo uwanka mwenewabo wundi n'umwicanyi. (Ivyahishuriwe intumwa Yohana 22,15, na 1 Yohana 3,15

Ndabipfurije umunsi mukuru mwiza wama utwibutsa ivuka rya Yesu Kristo nk'umwana w'umuntu mwebwe mwese mukurikirana inzandiko zitangazwa kuri runo rubuga. Aha mvuga mwebwe mukurikirana Ibiganiro vya Bohoka dushikirizwa na mwene Data Bucumi Elias hamwe n'ibiganiro bivuga kubijanye n'ibihe vya nyuma dushikirizwa na mwene Data Iyakaremye Prosper.

Mboneyeho no kubashimira mwebwe mudushigikira mu buryo butandukanye nongera nipfuruza kaze abashasha mwatanguye kudukurikirana vuba. Uhoraho abahezagire.( Guharura 6, 24-26)








En cette période beaucoup s'attendent à un message extraordinaire.

Cette fois l'évenement de Noel arrive dans un climat très spécial après la reconnaissance de la ville de Jérusalem comme la capitale d'Israel par les États unis d'Amérique. Il y a eu du tumulte, j'imagine que vous l'avez tous remarqué.

Que Dieu bénisse Israel.

La bonne nouvelle que nous avons c'est que les signes qui ont été annoncés sur la venue de Jésus-Christ pour accomplir l'oeuvre qu'il a entammée en naissant en tant qu'humain et parmi les humains. Ce processus nous emmenera au Ciel chez Dieu le Père. (Jean 14,3)

C'est ici le moment de recevoir Jésus-Christ comme Notre Seigneur et Sauveur pour tous ceux qui ne l'ont pas jusque maintenant. La Parole de Dieu nous dit expressément qu'il n'y a aucun autre qui a été au Ciel et sur la terre par lequel nous pouvons être sauvés si ce n'est celui de Jésus-christ. (Actes 4,12)

Chers bien aimés la Bible est on ne peut plus clair. Elle nous dit ceci: „Si tu confesses de ta bouche le Seigneur Jésus, et si tu crois dans ton coeur que Dieu l'a ressuscité des morts, tu seras sauvé. Car c'est en croyant du coeur qu'on parvient à la justice, et c'est en confessant de la bouche qu'on parvient au salut, selon ce que dit l'Écriture.“ Romains 10,9-10

La meilleure chose que nous puissions faire en ce moment c'est de nous séparer du péché car nous savons de par les Écritures que le prix du péché est la mort. Il nous est recommandé de: „Recherchez la paix avec tous, et la sanctification, sans laquelle personne ne verra le Seigneur.“ Hébreux 12,14

Il est temps chers bien aimés de nous séparer de la maladie de la haine, de la rancune, des divisions de tous ordres. Encore une fois la Bible nous avertit en ces termes:

Voici, je viens bientôt, et ma rétribution est avec moi, pour rendre à chacun selon ce qu'est son oeuvre.
Je suis l'alpha et l'oméga, le premier et le dernier, le commencement et la fin.
Heureux ceux qui lavent leurs robes, afin d'avoir droit à l'arbre de vie, et d'entrer par les portes dans la ville!
 Dehors les chiens, les enchanteurs, les impudiques, les meurtriers, les idolâtres, et quiconque aime et pratique le mensonge.
Apocalypse22,15

Quiconque hait son frère est un meurtrier, et vous savez qu'aucun meurtrier n'a la vie éternelle demeurant en lui.“ 1 Jean 3,15

Je vous souhaite tous une joyeuse fête du souvenir de la naissance en tant qu'humain de Notre Seigneur Jésus-Christ. A vous tous qui nous suivez, soutenez et /priez pour nous, à vous tous qui suivez les émissions audios que nous diffusons quotidiennement sur whattsApp que ce soit celles de Bohoka, les derniers temps et autres :

„ Que l'Éternel vous bénisse, et qu'il vous garde!
 Que l'Éternel fasse luire sa face sur vous, et qu'il vos accorde sa grâce! Que l'Éternel tourne sa face vers vous et qu'il vous donne la paix!“ Nombres 6,24-26


Aucun commentaire:

Trauerred vom anlässlich der Beerdigung des Leichmanns Eva Nyandwi

 Liebe Freunde, Im Namen der Familie und Freunde der Familie Nyandwi danke ich Ihnen für die Unterstützung, die Sie der trauernden Familie...