Pasteur Lameck asize intahe itangaje cane


Pasitori Lameke yabaye umukozi w'Imana adasanzwe. Uyo mwene Data yamenyekanye cane mu bice bitari bike vyo mu Burundi harimwo Bujumbura rural, Mwaro, Rumonge n'ahandi henshi. Uyo mukozi w'Imana yaraye atashe kw'igenekerezo rya 20 Ntwarante 2023. Abamumenye bamushingiye intahe nk'umugeni wa Kristo Yesu. Yasize atuganiriye ibintu vyinshi bijanye n'Ijambo ry'Imana bizokomeza kudufasha no kudukomeza. 

" Numva ijwi rivuye mw'ijuru rimbwira, rit'andika, ut'uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at'egome, ngo baruhuke  ubutame bwabo, kukw'ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye." Ivyahishuriwe Yohana 14,13

Turashimiye Imana yaduhaye umusavyi wayo hamwe na bene Data barongoye igikorwa c' "Iriba ryiza" batumye natwe ubu butumwa bidushikira. 


 






Aucun commentaire: